Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 15:2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 Mbona igisa n’ikiyaga c’ibirahuri kivanze n’umuriro; mbona abatabarutse banesheje ca gikōko n’igishushanyo caco n’igitigiri c’izina ryaco, bahagaze kur’ ico kiyaga c’ibirahuri, bafise inanga z’Imana.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

2 Nca mbona n’ikimeze nk’ikiyaga c’ibiyo bivanze n’umuriro. I ruhande yaco hari hahagaze abanesheje ca gikoko n’igishushanyo caco n’ikimenyetso c’izina ryaco. Bari bafise inanga bahawe n’Imana,

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 15:2
14 Referans Kwoze  

kand’ imbere y’iyo ntebe hari nk’ikiyaga c’ibirahuri, gisa n’urubona: kandi hagati ahahanganye n’iyo ntebe no kuyikikuza har’ ibinyabugingo bine vyuzuye amaso imbere n’inyuma.


Na bo bamuneshesheje amaraso y’Umwagazi w’Intama n’ijambo ryo gushinga intahe kwabo, ntibakunda amagara yabo, ntibanka no gupfa.


Amaze kwābīra ico gitabo, vya binyabugingo bine na ba bakuru mirongwibiri na bane baca bikubita imbere y’uwo Mwagazi, bafise inanga bose, n’inzavya z’izahabu zuzuye imibavu, ni yo gusenga kw’abera.


Urugo rwawo rwubakishijwe yasipi, umurwa war’ izahabu ishize inkamba imeze nk’ibirahuri bishize inkamba nyene.


kugira ngo kuramura kw’ukwizera kwanyu (kand’ ukwo kwizera kurusha igiciro izahabu ishira, nah’ ivugutirwa mu muriro ikaramura) kuze kuboneke kuri n’ishimwe n’ubgiza n’icubahiro mu guhishurwa kwa Yesu Kristo.


N’ukuri jeho ndababatiza mu mazi ngo mwihane; arik’ ūzoza hanyuma yanje andusha ubushobozi, ntibimbereye no kumutwaza inkweto. Uyo azobabatiza muri Mpwemu Yera no mu muriro.


Kizimirisha ababa kw isi ibimenyetso cahawe gukorera mu maso ya ca gikōko, kibarira ababa kw isi gukora igishushanyo ca ca gikōko cari n’uruguma rw’inkota, kigahava kikabaho.


Abo nkunda, umuriro uri hagati yanyu wo kubagerageza ntukabatangaze, nk’aho mubonye akatābonetse.


Gihagarara ku musenyi wo ku kiyaga. Mbona igikōko ciburuka kiva mu kiyaga, gifise amahembe cumi n’imitwe ndwi: ku mahembe yaco hārih’ imigāra cumi, no ku mitwe yaco hārih’ amazina y’amarogotano.


kandi ko hatagira umuntu yemererwa kugira ic’ agura cank’ ic’ ashōra, atar’ ūfise ico kimenyetso, ni co zina rya ca gikōko cank’ igitigiri c’izina ryaco.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite