Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 14:8 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

8 Umumarayika wundi wa kabiri akurikirirako, ati Kirakomvomvotse, kirakomvomvotse, Babuloni, ca gisagara gihambaye, cateretse amahanga yose vino ni yo burake bg’ubushakanyi bgaco.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

8 Hanyuma uwundi mumarayika agira kabiri aca akurikira uwo wa mbere avuga ati: “Kirasenyutse! Kirasenyutse Babiloni, igisagara gihambaye, canywesheje amahanga yose ku muvinyu w’ubusambanyi bwaco bukomeye.”

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 14:8
17 Referans Kwoze  

non’ ehe haje umuce w’ingabo zigendera ku mafarasi bagenda ari babiri‐babiri. Arongera aravuga, ati Babuloni harakomvomvowe, harakomvomvowe; n’ibishushanyo bibājwe vyose vy’ibigirwamana vyaho bihindikiraniye hasi bivunaguritse.


Ca gisagara gihambaye kigabanywamwo gutatu, ibisagara vy’abanyamahanga birasenyuka. I Babuloni hahambaye hibukwa imbere y’Imana, ngo hahabge agakarabo ka vino y’uburake bgayo bg’inkazi.


Imivyimba yabo izogangarara mw ibarabara ryo mu gisagara kinini, ni co mu buryo bg’impwemu citwa Sodomu na Egiputa, kandi ni ho Umwami wabo yabambge.


kukw amateka yayo ar’ay’ ukuri n’ukugororoka. Yaciriyekw iteka umwe maraya w’agahebuza, yononesha abari mw isi ubusambanyi bgiwe, kand’ imuhōye amaraso y’abagurano bayo.


Umugore wabonye ni we ca gisagara gihambaye, kiganza abami bo kw isi.


Uruguma rwawe nta kōyōkwe rugira; igikomere cawe ntikizokira: abumvise inkuru zawe bose bakubita amashi ku yandi; mbega ni nde utāhora ugirira nabi?


Umwami aravuga, ati Mbeg’ aha si Babuloni hahambaye aho niyubakiye ngo habe umurwa wanje niberako, mpubakishije inkomezi z’ububasha bganje, ngo hatere igitinyiro canje icubahiro?


kand’ uz’ uvuge, ut’ Uku ni ko Babuloni hazodobera, ntihasubire kwiburuka ukundi, kubg’ ivyago Uhoraho azohatēza: kandi bazoba badendebukiwe. Amajambo ya Yeremiya agarukiye aho.


Imbūri yo kuri Babuloni, iyo Yesaya mwene Amosi yeretswe.


Ijambo Uhoraho yavuze ku vy’i Babuloni, no ku vy’igihugu c’Abakaludaya, arivugishije Yeremiya.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite