Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 14:7 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

7 Avuga n’ijwi rirenga, ati Mwubahe Imana, muyihimbaze, kukw igihe c’amateka yayo gishitse, musenge iyaremye ijuru n’isi n’ikiyaga n’amasōko y’amazi.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

7 Avuga n’ijwi rirenga ati: “Mutinye Imana kandi muyihe icubahiro, kuko igihe cayo co guca imanza kirashitse. Musenge iyaremye ijuru n’isi, ibiyaga n’amasoko y’amazi.”

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 14:7
44 Referans Kwoze  

kukw imisi itandatu ari yo jewe Uhoraho naremyemw’ ijuru n’isi n’ikiyaga n’ ibiri muri vyo vyose, nkaruhuka ku musi ugira indwi: ni co catumye jewe Uhoraho mpezagira umusi w’isabato, nkaweza.


Ni nde atazogutinya ga Mwami, cank’ atazohimbaza izina ryawe? Kukw ari wewe wenyene wera, amahanga yose azoza akwikubite imbere, agusenge, kukw amateka yawe agororotse aseruwe.


Ezira araheza aravuga, ati Ni wewe Uhoraho wenyene nta wundi, ni wewe waremye ijuru, mbere n’amajuru asumba ayandi, n’ ingabo zose zo kuri yo; waremye n’isi n’ibiri kuri yo vyose, n’ibiyaga n’ibiri muri vyo vyose, kandi ni wewe ubibeshaho vyose; ingabo zo kw ijuru ziraguhimbaza.


Kand’ amahanga araraka, uburake bgawe buraza, igihe co guciramw’ amateka abapfuye kirashika, n’ico kugereramw’ abasavyi bawe, ni bo bavugishwa nawe, no kugerera abera n’abubaha izina ryawe, aboroshe n’abahambaye, n’ico guhonerezamw’ abahonnya isi.


bati Mwami wacu, Mana yacu, birakubereye guhabga uguhimbazwa n’icubahiro n’ububasha, kukw ari wewe waremye vyose; icatumye bibaho kand’ icatumye biremwa, n’uko wabigomvye.


Uwo mwanya isi iratigita, ikigiracumi ca ca gisagara kirasenyuka, ukwo gutigita kwica abantu ibihumbi ndwi, abarokotse baterwa n’ubgoba, bahimbaza Imana Nyen’ ijuru.


Ijambo ry’Uhoraho ni ryo ryāremye ijuru, Impwemu zo mu kanwa kiwe ni zo zāremye ingabo zose zo kuri ryo.


bahagaritswe kure no gutinya ugushinyagurirwa kwiwe, bati N’ibara, n’ibara, ewe wa gisagara gihambaye, Babuloni, wa gisagara c’inkomezi, kuko mw isaha imwe iteka uciriweko rigushikiriye!


Abantu bababurwa n’indugumba nyinshi, barogota kw izina ry’Imana igaba ivyo vyago, ntibihana ngo bayihimbaze.


Kand’ iyo vya binyabugingo bihaye uguhimbazwa n’icubahiro n’ishimwe Ivyagiye kuri ya ntebe, ni yo Ibaho ibihe bitazoshira,


Ugutabarwa kwacu kubonerwa mw izina ry’Uhoraho Yaremye ijuru n’isi.


bati Yemwe bagabo, n’iki gitumye mugira murtyo? Natwe tur’ abantu buntu, tumeze nkamwe, kandi tubabgira ubutumwa bgiza, ngo mureke ivyo bitagira ikimazi, muhindukirire Imana nzima, yaremye ijuru n’isi n’ikiyaga n’ibirimwo vyose,


Ijwi ry’ūvuga, ati Semerera. Uwundi ati Nsemerere iki? Ut’ Abafise umubiri bose n’ivyatsi gusa, n’ubgiza bgabo bgose bumeze nk’amashurwe yo ku musozi:


Ijwi riva kur’ iyo ntebe rivuga, riti Ni mushime Imana yacu, yemwe mwese abagurano bayo, abayubaha, aboroshe n’abakomeye.


Shira inzamba ku munwa! Araje nk’inkukuma, gutera ingoro yanje, jewe Uhoraho! Kuko bishe isezerano ryanje, bagacumura ku vyagezwe vyanje.


Arik’ Uhoraho ni we Mana y’ukuri; ni we Mana nzima, n’Umwami yamaho ibihe bidashira: uburake bgiwe buhindisha isi agashitsi, kand’ amahanga ntashobora kwihanganira ubushangashirwe bgiwe.


Ivyo ni vyubahe Uhoraho, vyamamaze ishimwe ryiwe mu baba ku kiyaga.


Ni we Mana iteye ubgoba bginshi mw ikoraniro ry’ abera, N’iyo gutinywa kurusha abayikikije bose.


Ubugarariji bg’umunyakibi buvugira mu mutima wiwe: Nta gutinya Imana kuri mu maso yiwe.


Maze Yosuwa abarira Akani, ati Mwana wanje, enda ni wubahe Uhoraho Imana y’Abisirayeli, uyishire hejuru; mbarira ico wakoze, ntumpishe.


Umumarayika wa gatatu aravuza: inyenyeri nini iva mw ijuru iratibuka, yaka nk’urumuri, itibukira ku kigira gatatu c’inzūzi no ku masōko.


Nta bandi babonetse ngo bagaruke guhimbaza Imana, atar’ uyu munyamahanga?


Arambgira, at’ Umve ngira nkumenyeshe ibizoba mu gihe c’uburake bgo kw iherezo; kukw ar’ ivy’ igihe c’iherezo cashinzwe.


Umuhero urashitse, umuhero urashitse, urakuvundurukiye: eh’ uraje!


riti Nawe, mwana w’umuntu, uku ni k’Umwami Uhoraho abarira igihugu c’Abisirayeli, at’ Umuhero! Umuhero ushitse mu mpande zine z’igihugu!


Semerera cane, woye kwigarura; rangurura ijwi ryawe nk’inzamba, ubarire abantu banje ibicumuro vyabo, n’inzu ya Yakobo ivyaha vyabo.


Muririmbe, mwa majuru, kuk’ Uhoraho abikoze; wa bgina bg’isi usemerere; ni muturike muririmbe, mwa misozi mwe, nawe kibira, n’igiti cose kirimwo: kuk’ Uhoraho yacunguye Yakobo, kand’ azokwihesha icubahiro muri Isirayeli.


Yewe ubarira Siyoni ubutumwa bgiza, dūga umusozi muremure; yewe ubarira Yerusalemu ubutumwa bgiza, semerera cane ushimitse; semerera, ntutinye; ubgire ibisagara vy’i Buyuda, ut’ Eh’ Imana yanyu!


Ijwi ry’ūsemerera, ati Ni mutegure inzira y’Uhoraho mu bugaragwa, musenere Imana yacu inzira y’iroro mu bgeranyange.


Ikiyaga n’iciwe, ni we yakiremye: Intoke ziwe ni zo zabumvye i musozi.


Ni co gituma mukwiye kwicurishiriza ibishushanyo vy’ivyo bihute vyanyu, n’ibishushanyo vy’izo mbeba zabateye, zikonona igihugu; muteko mwubahe Imana y’Abisirayeli: kumbure yotenzura ukuboko kwayo, ikagukūra kuri mwebge no ku mana zanyu no ku gihugu canyu.


Aramubarira, ati Ntukoze ukuboko kur’ uwo muhungu, ntugire ico umugira: kuko noneho mmenye ko wubaha Imana, kuk’ utanyimye umwana wawe, kand’ ar’ ikinege.


Biyorera imikungugu ku mitwe, bataka barira baboroga, bati N’ibara, n’ibara, ca gisagara gihambaye, catungishije ubutunzi bgaco abafise amato yabo mu kiyaga bose, kuko cakomvowe mw isaha imwe!


kuk’ ubutunzi bungaho bukomvomvotse mw isaha imwe! Kandi nyen’ ubgato wese, n’umuntu wese ajabukirizwa mu bgato ahantu hose, n’abasoza, n’abatunzwe n’ikiyaga, bari bahagaze kure,


Arik’ umuhero wa vyose uri hafi: nuko ntimuhugumbe, mwirinde, kugira ngo mubone uko mushishikara gusenga.


Nuko mwame mugavye kuko mutazi umusi cank’ isaha.


Ni mwanka kwumva, mukanka kurishirak’ umutima, ntimuheshe izina ryanje icubahiro, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, nzobavuma wa muvumo, n’imigisha yanyu nzoyivuma; mbere mmaze no kuyivuma, kuko mutarishizek’ umutima.


Muhawe umugisha n’Uhoraho, Yaremye ijuru n’isi.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite