Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 14:6 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

6 Kandi mbona umumarayika wundi aguruka yātiriye ijuru, afise ubutumwa bgiza butazoshira bgo kubarira ababa kw isi n’amahanga yose n’imiryango yose n’indimi zose n’amoko yose.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

6 Hanyuma nca mbona uwundi mumarayika aguruka mu kirere, atwaye Ubutumwa Bwiza agiye kubwira abari mw’isi mu moko yose, mu miryango yose, mu ndimi zose no mu mahanga yose.

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 14:6
30 Referans Kwoze  

Arababarira, ati Mugende muje mu bihugu vyose, mubgire abāremwe bose ubutumwa bgiza.


Ndarāba, numva inkukuma iguruka yātiriye ijuru, ivuga n’ijwi rirenga, it’ Ibara, ibara, ibara riza kubonwa n’abari mw isi kubg’ ayandi majwi y’inzamba z’abamarayika batatu bahava bavuza.


Ko witondeye ijambo ryo kwihangana kwanje, nanje nzokurinda igihe co kugerageza, kigira kize mu bihugu vyose, kugerageza ababa mw isi.


Kukw inyenzi zizobarya nk’umwambaro, n’ ifukunyi izobarya nk’ubgoya bg’ intama: arik’ ukugororoka kwanje kuzokwamah’ ibihe bidashira, n’ agakiza kanje uk’ urunganwe ruzogenda rukurikirana.


Ni mwunamurire amaso yanyu mw ijuru, mwitegereze no kw isi hasi: kukw ijuru rizokamangana nk’umwotsi, n’isi izosāza nk’umwambaro, n’abayibako bazopfa nk’isazi: arikw agakiza kanje kazokwamah’ ibihe bidashira, kand’ ukugororoka kwanje ntikuzogira iherezo.


Urābe yuko harih’ inzira y’ibibi yoba iri muri jewe, Undōngōrere mu nzira y’ ibihe bidashira.


Imana ishobora kubakomeza, nk’uk’ ubutumwa bgiza nahawe n’ukwigisha ivya Yesu Kristo bivuga, bihūra no guhishurwa kw’ ibanga ryahozwe uhereye kera hose,


Ubgami bgawe n’ubgami bg’ ibihe bidashira, Ubugabe bgawe buzohangama uk’ urunganwe ruzogenda rukurikira urundi.


Ariko, Umwami wacu Yesu Kristo ubgiwe, n’Imana Data wa twese, yadukunze, ikaduha kwirurwa imibabaro guhoraho, bo n’ivyizigiro vyiza biheshwa n’ubuntu bgayo,


nkiriko ndavuga nsenga, wa mugabo Gaburiyeli nabonye mu vyo nabanje kwerekwa, aratumwa aguruka n’ingoga, anyegēra nko mu gihe co gutanga ikimazi ca ni kera.


Gihabga kurwanya abera no kubanesha, kandi gihabga gutwara imiryango yose n’amoko yose n’indimi zose n’amahanga yose.


Imana Nyen’ amahoro, imwe yakūra Umwami wacu Yesu mu bapfuye, ari we Mwungere mukuru w’intama, imukūjey’ amaraso y’isezerano ry’ibihe bidashira,


asangwa muhora mwizeye, mushinzwe neza mutanyiganyiga, mudatirimuka mu vyizigiro biheshwa n’ubutumwa mwumvise, bgavuzwe mu bāremwe bose bo musi y’ijuru, ubgo jewe Paulo nacikiye umukozi wabgo.


Ico mbabaririra mu mwiza muze mukivugire mu muco, kand’ ico mwongorewe mu gutwi muze mukivugire ku mazu hejuru.


Barambarira, bat’ Ukwiye kuzosubira kuvugishwa ivy’ amoko menshi n’amahanga menshi n’indimi nyinshi n’abami benshi.


Jewe umwami Nebukadineza ndabandikiye, moko n’amahanga n’abavuga indimi zitari zimwe mwese, muri kw isi yose: amahoro agwire muri mwebge.


Ivyo binyabugingo vyariruka bigakimirana, bisa n’imiravyo irabagiza.


Arikw Abisirayeli bazokizwa n’Uhoraho, abakirishe agakiza kadashira: ntimuzotētērwa, canke ngo mumāramāre, no gushitsa ibihe bitazoshira.


Ukugororoka kwawe n’ukugororoka kw’ibihe bidashira: Ivyagezwe vyawe n’ukuri.


Non’ inzu yanje si kw imeze ku Mana? Kuko yasezeranye nanje isezerano ritazovaho, Ritunganye muri vyose, kandi rikomeye; Non’ agakiza kanje kose n’ ivyo nifuza vyose Ntizotuma bimera bikaba ibironge?


Ivyatsi birūma, amashurwe agakabirana, arikw ijambo ry’Imana yacu rizohorah’ ibihe bidashira.


Imana iravuga, iti Ni habeh’ itāzānure hagati y’amazi, ritandukanye amazi n’ayandi.


Abaserafi bari bahagaze hejuru yiwe: umuserafi wese yar’ afise amababa atandatu: abiri yayatwikiriza mu maso, yandi abiri yayatwikiriza ibirenge, yandi abiri yarayagurukisha.


Arikw ijambo ry’Uhoraho ryamah’ ibihe bidashira. Kand’ iryo ni ryo jambo ry’ubutumwa bgiza mwabgiwe.


Baririmba indirimbo nsha, bati Birakubereye kwābīra igitabo, no kumena ibikimatanije, kuko wishwe, ugacungurira Imana abo mu miryango yose no mu ndimi zose no mu moko yose no mu mahanga yose, ubacunguje amaraso yawe,


ariko mu misi y’ijwi ry’umumarayika w’indwi, ah’ azoba agira avuze inzamba, ni ho ibanga ry’Imana rizoba riheraherejwe, nk’uko yabariye abasavyi bayo ubutumwa bgiza, ni bo bavugishwa na yo.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite