Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 14:5 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

5 Kandi mu kanwa kabo ntihābonetsemw’ ikinyoma: nta gasembga bagira.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

5 Nta bubeshi bwava mu kanwa kabo kandi ntibagira umugayo.

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 14:5
20 Referans Kwoze  

ngw aryīshīre, ar’ ishengero rifise ubgiza, ridafise amarabaga cank’ injebejebe cank’ ikintu cose gisa girtyo, ariko ngo ribe iryera ridafise agasembga.


Amasigarira y’Abisirayeli ntibazokora ivyo kugabitanya, canke ngo bavuge ibinyoma, kandi nta rurimi rw’ubugunge ruzoboneka mu kanwa kabo: bazorisha bagaramange, ata wubateye ubgoba.


Hahirwa umuntu Uhoraho adaharūrak’ ukugabitanya, Umutima wiwe ntubemw’ ubugunge.


Ariko, Īshobora kubazigama ngo ntimutsitare, no kubahagarika imbere y’ubgiza bgayo mudafise agasembga munezerewe cane,


Yesu abona Natanayeli aza kuri we, amuvugako, at’ Ehe Umwisirayeli vy’ukuri, atarimw’ ubugunge.


none yabuzurije na yo mu mubiri wiwe w’umuntu kubg’ urupfu yapfuye, ngw abashikane imbere yayo mur’ abera, mudafise agasembga, mutagira ico mwogawa;


Pilato abgira abaherezi bakuru n’ishengero, ati Nta caha mbona kur’ uyu muntu.


Kuko handitswe, ng’ Ūgomba gukunda ubugingo, No kubona imisi myiza, N’abuze ururimi rwiwe, rwoye kuvuga ikibi, N’iminwa yiwe yoye kuvuga ivy’ uguhendana:


Mwa bana b’inzoka mwe, mwoshobora mute kuvuga ivyiza muri babi? Ibibōgabōga mu mutima ni vyo akanwa kavuga.


Bagira imitima ibiri: noneho babonetsek’ urubanza rubatsinze. Imana izosangangura vya bicaniro vyabo, isitagure za nkingi zabo.


Maze ba bakuru n’abaganwa baherako barondera urwitwazo rw’ ico borega Daniyeli ku vy’igihugu; ariko bamuburak’ urwitwazo na rumwe cank’ igitiriganye; kuko yar’ umwizigirwa, ntabonekekw amafuti cank’ igitiriganye na kimwe.


Amajambo yose y’akanwa kanje n’ay’ ukugororoka, Kandi muri yo nta kigoramye cank’ ikigoretse.


Uz’ ubuze ururimi rwawe, rwoye kuvuga ikibi, N’iminwa yawe yoye kuvuga ivy’ uguhendana.


Bāgeze kw ahambga hamwe n’abanyavyaha, asangira imva n’umutunzi mu gupfa kwiwe; nah’ ata kibi yakoze, kand’ ata guhemana kwari mu kanwa kiwe.


Ibibi biri hagati muri co: Agahahazo n’ubugunge ntibiva mu nzira zaco.


Uri mwiza bihebuje ga mukunzi wanje; Nta gasembga ufise.


Icagezwe c’ukuri caba mu kanwa kiwe, kandi mu minwa yiwe nta bigoramye vyahumvikana; yagendana nanje mu mahoro no mu bugororotsi, yahindura benshi bakareka ibigabitanyo.


mbeg’ amaraso ya Kristo, uwo yitanze ku Mana atagira agasembga, abitewe na Mpwemu ahoraho, ntazorushiriza guhumanura imitima yanyu ngw ibikorwa vy’impfagusa biyivemwo, kugira ngo mubone ingene mukorera Imana nzima?


ariko mwacungujwe amaraso y’igiciro kinini, nk’ay’ umwagazi w’intama utagira agasembga cank’ ibara, ni yo ya Kristo.


We nta caha yakoze, kandi nta bugunge bgabonetse mu kanwa kiwe;


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite