Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 14:4 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 Abo ni bo batandujwe n’icitwa umugore, kuko bābaye nk’inkumi. Abo ni bo bakurikira wa Mwagazi ah’ aja hose. Abo bācunguwe mu bantu, kugira ngo babe umushuzo ku Mana no kuri wa Mwagazi.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

4 Abo ni bo batandujwe n’abagore, ariko bazigamye ukwera kwabo, bakurikira wa Mwagazi aho aja hose. Bacunguwe bakuwe mu bantu, kugira ngo bashikanirwe Imana na wa Mwagazi nk’ivyeze ubwa mbere.

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 14:4
32 Referans Kwoze  

Arik’ ufise amazina makeya y’ab’ i Sarudi batanduje impuzu zabo; ni bo bazogendana nanje bambaye impuzu zera, kuko bibabereye.


Mbafuhira ifuhe ryo kubg’ Imana, kuko nabahaye umugabo umwe, ni we Kristo, ngo ndabamushingire mumeze nk’inkumi itunganye.


Nk’uko yabigabiye ubgayo, yatuvyarishije ijambo ry’ukuri, kugira ngo tube nk’umushuzo w’ibiremwa vyayo.


Baririmba indirimbo nsha, bati Birakubereye kwābīra igitabo, no kumena ibikimatanije, kuko wishwe, ugacungurira Imana abo mu miryango yose no mu ndimi zose no mu moko yose no mu mahanga yose, ubacunguje amaraso yawe,


Ni hagira ūnkorera, n’ankurikire, kand’ aho nzoba ndi, umukozi wanje ni ho azoba: ni hagira ūnkorera, Data azomuha icubahiro.


Abābaye intama zanje bumva ijwi ryanje, nanje ndabazi, na bo barankurikira,


Abo bazorwanya Umwagazi w’Intama, uwo Mwagazi azobanesha, kukw ari we aganza abaganza n’Umwami w’abami, kand’ abari kumwe na we, bāhamagawe, bātoranijwe, bāyobotse, na bo bazobanesha.


Ibuka ikoraniro ryawe waguze kera, Iryo wacunguriye kuba ubgoko bg’ishamvu yawe, Bo n’umusozi Siyoni, aho wagerereye.


kuko mwaguzwe igiciro. Nuko rero, mushimishe Imana mu mibiri yanyu.


Yesu yongera kubabgira, ati Jewe nd’ umuco w’isi, ūnkurikira nta ho azogenda mu mwiza, arikw azogira umuco w’ubugingo.


Isirayeli yar’ uwo nirobanuriye, jewe Uhoraho, yar’ umushuzo mu bikikimvye vyanje. Abazomurya bose bazobakw igicumuro; ivyago bizobazako, ni jewe Uhoraho mbivuze.


Ariko mweho mur’ ubgoko bgātoranijwe, mukoranije kuba abami n’abaherezi, mur’ ihanga ryera, abantu bāshiriweho kuba inyegu yiharije, kugira ngo mukwize ishimwe ry’Iyabahamagaye, ikabakūra mu mwiza, ikabashitsa mu muco wayo utangaje:


ni we ngwati y’umwandu tuzohabga, kugira ngw abo Imana yaronse ibacungure, ng’ubgiza bgayo bushimwe.


Nuko ndabinginze, bene Data, murazi abo kwa Stefana, kw ari bo bāshuje mu Banyakaya, kandi kw ari bo bītangiye gukorera abera.


Mwirinde ubganyu, muzigame n’ubusho bgose Mpwemu Yera yabashizemwo, ngo mube abo kubuzēzwa, kugira ngo muragire ishengero ry’Imana, iryo yaguze amaraso yayo.


Petero aramubaza, ati Mugenzi, n’iki kimbuza kugukurikira n’ubu? Erega nzonakwigura.


Ico gihe ubgami bgo mw ijuru buzosa n’inkumi cumi, zajanye amatara yazo, zija gusanganira umukwe.


Haza umunyabgenge w’ivyanditswe, aramubgira, ati Mwigisha, ndagukurikira ah’ uja hose.


Amavuta yawe aratāmirana cane, Izina ryawe rimeze nk’amavuta asutswe; Ni co gituma inkumi zigukunda.


baziza kwābīrana, baziza n’ivyo kurya, kand’ ari vyo Imana yaremye kugira ngw abizera, bakamenya ivy’ ukuri, babirye bashima.


Arikw iy’ urongoye, nta caha uba ukoze. N’inkumi, iy’ irongowe nta caha iba ikoze. Mugabo, abameze bartyo bazogira amagorwa mu mubiri, ariko jewe nagomba kuyabakingira.


Bazobona ibara, abīdibamiye i Siyoni, n’abībēra ku musozi Samariya ata co bīnona, ba rurangiranwa bo mw ihanga rirengeye ayandi, abo inzu ya Isirayeli yisunga!


Har’ abamikazi mirongwitandatu, n’incoreke mirongumunani, N’abigeme batoharūrika.


Ahava azanirwa umwami, yambaye impuzu zisharijwe: Abakobga bagenzi biwe bamukurikiye Bahava bazanwa ah’ uri.


Kuko har’ inkone zavutse zirtyo uhereye kuva mu nda za ba nyina, kandi har’ inkone zakonwe n’abantu, kandi har’ inkone zīkona ubgazo kubg’ ubgami bgo mw ijuru. Ūshobora kuvyemera n’avyemere.


ngw aryīshīre, ar’ ishengero rifise ubgiza, ridafise amarabaga cank’ injebejebe cank’ ikintu cose gisa girtyo, ariko ngo ribe iryera ridafise agasembga.


n’ishengero ry’abana b’imfura banditswe mw ijuru, mwegereye n’Imana umucamanza wa bose, n’impwemu z’abagororotsi batunganijwe rwose,


Kandi sinabonye urusengero kuri wo, kuk’ Umwami Imana ishobora vyose na wa Mwagazi ari bo rusengero rwawo.


Kandi wa murwa nturinda kwākirwa n’izuba canke n’ukwezi, kuk’ ubgiza bg’Imana ari bgo buwākira, kandi wa Mwagazi ari we tara ryawo.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite