Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 14:3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 Baririmbira indirimbo nsha imbere ya ya ntebe y’ubgami, n’imbere ya vya binyabugingo bine na ba bakuru. Nta muntu yashoboye kwiga iyo ndirimbo atari bamwe ibihumbi ijana na mirongwine na bine, bācunguwe ngo bakūrwe mw isi.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

3 Baririmbira indirimbo nshasha imbere y’intebe y’inganji, n’imbere ya vya binyabugingo bine hamwe na ba bashingantahe. Nta n’umwe yashobora kwiga iyo ndirimbo, kiretse bamwe ibihumbi ijana na mirongo ine na bine bacunguwe bakuwe mw’isi.

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 14:3
17 Referans Kwoze  

Baririmba indirimbo nsha, bati Birakubereye kwābīra igitabo, no kumena ibikimatanije, kuko wishwe, ugacungurira Imana abo mu miryango yose no mu ndimi zose no mu moko yose no mu mahanga yose, ubacunguje amaraso yawe,


Kandi mbona Umwagazi w’Intama, ahagaze ku musozi Siyoni, ahagararanye n’abantu ibihumbi ijana na mirongwine na bine, bafise izina ryiwe n’izina rya Se yanditswe mu ruhanga rwabo.


Baririmba indirimbo ya Mose umusavyi w’Imana, n’indirimbo ya wa Mwagazi, bat’ Ibikorwa vyawe birahambaye kandi biratangaza, Mwami Mana ushobora vyose; inzira zawe n’iz’ ukugororoka n’ukuri, Mukama w’amahanga.


Ūri n’ugutwi ni yumve ico Mpwemu abgira amashengero. Ūnesha nzomuha kuri manu yanyegejwe, kandi nzomuha ibuye ryera, kur’ iryo buye handitswekw izina risha, nta muntu arizi, atar’ ūzorihabga.


Ni muririmbire Uhoraho indirimbo nsha, n’ishimwe ryiwe uhereye ku mpera y’isi; muririmbe yemwe abagenda ku kiyaga, n’ibiri muri co vyose, namwe biyaya vyo kuri co, n’ababibamwo.


Haleluya! Ni muririmbire Uhoraho indirimbo nsha, Muririmbire ishimwe ryiwe mw ikoraniro ry’abakunzi biwe.


Ni muririmbire Uhoraho indirimbo nsha, Kuko yakoze ibitangaza: Ikiganza ciwe c’i buryo n’ ukuboko kwiwe kwera yabizanishije agakiza.


Kandi yashize indirimbo nsha mu kanwa kanje, ni yo shimwe ry’Imana yacu: Benshi bazobirāba, batinye, Bizigire Uhoraho.


Mana, ndakuririmbira indirimbo nsha: Ndakuririmbira ishimwe ku nanga y’imirya cumi.


Ni muririmbire Uhoraho indirimbo nsha: Yemwe abari mw isi mwese, muririmbire Uhoraho.


Mumuririmbire indirimbo nsha: Mucurarangishe ubuhinga muyomanze.


Arik’ umuntu afise umubiri n’ubgenge gusa ntiyemera ivya Mpwemu w’Imana: kukw ar’ ubupfu kuri we, kandi ntashobora kubimenya, kuko vyitegerezwa mu buryo bg’impwemu.


Ibanga ry’Uhoraho rifiswe n’abamwubaha, Azobereka isezerano ryiwe.


Kukw ijambo ry’umusaraba ku bahona ar’ ubupfu, ariko kuri twebge abakizwa n’ubushobozi bg’Imana.


Numva igitigiri c’abadomwekw ikimenyetso, ngo n’ibihumbi ijana na mirongwine na bine, abādomwekw ikimenyetso bo mu miryango yose y’Abisirayeli.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite