Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 14:20 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

20 Ubgo bgato buganishirizwamw’ ibirenge inyuma ya ca gisagara, amaraso ava mu bgato, ashitsa stadiyo igihumbi n’amajana atandatu, agera ku mijiginya y’amafarasi.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

20 Izo nzabibu ziganirwa mu bwato buri inyuma y’igisagara, amaraso yazo araduga gushika ku minwa y’amafarasi, yongera arasanzara gushika nko ku birometero amajana atatu.

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 14:20
12 Referans Kwoze  

Umwami Imana yatītūye abahizi banje bose bāba i wanje; Yarungitse abaza kungirirak’ umusi mukuru ngo bafyonyagure imisore yanje: Umwami Imana yahonyanze umukobga w’inkumi w’i Buyuda, nk’ūganira vino mu bgato.


Imivyimba yabo izogangarara mw ibarabara ryo mu gisagara kinini, ni co mu buryo bg’impwemu citwa Sodomu na Egiputa, kandi ni ho Umwami wabo yabambge.


Nuko bazosohoka baje kwitegereza imivyimba y’abangararije; kukw inyo zabo zitazopfa, kandi n’umuriro wabo ntuzime; kandi bazotera abantu bose ishishi.


Aziritse inyana yiwe y’indogoba ku muzabibu, N’umukangara w’indogoba awuziritse ku muzabibu wiwe w’indobanurwa; Amesuza impuzu ziwe vino, Imyambaro yiwe ayimesuza amaraso y’inzabibu.


Abaha n’amata y’urubu n’ amatāmatāma, N’ibinure vy’abana b’intama n’ivy’ amapfizi y’intama, N’amasho y’i Bashani, n’ impene, N’ingano zitengengeye nziza; Mwanyoye vino, ari yo maraso y’inzabibu.


Kand’ igihugu ugenda wogamwo nzogitotesha amaraso yawe gushitsa no ku misozi miremire; n’ibihoro vy’imigezi bizokwuzura wewe.


Ni musohore imihoro, kukw iyimbura rigeze! Ni muze mugane, kuk’ ubgato bguzuye, kand’ amāto akaba abōgabōga; kukw ibibi vyabo ari vyinshi.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite