Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 14:2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 Numva ijwi rivuye mw ijuru, nk’iry’ amazi menshi asūma, kandi nk’iry’ inkuba ituragara cane: kand’ iryo jwi numvise ryari rimeze nk’iry’ abacuraranzi bacuraranga inanga zabo.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

2 Nca numva ijwi rivuye mw’ijuru risamirana nk’amazi y’isumo rinini, kandi rivuga nk’umuturagaro uteye ubwoba. Iryo jwi numvise ryari rimeze nk’iry’abacuraranzi bacuraranga inanga.

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 14:2
29 Referans Kwoze  

Amaze kwābīra ico gitabo, vya binyabugingo bine na ba bakuru mirongwibiri na bane baca bikubita imbere y’uwo Mwagazi, bafise inanga bose, n’inzavya z’izahabu zuzuye imibavu, ni yo gusenga kw’abera.


ibirenge vyiwe vyasa n’umuringa w’umwakaka, utukujwe n’umuriro; n’ijwi ryiwe ryari rimeze nk’iry’ amazi menshi asūma,


Mbona igisa n’ikiyaga c’ibirahuri kivanze n’umuriro; mbona abatabarutse banesheje ca gikōko n’igishushanyo caco n’igitigiri c’izina ryaco, bahagaze kur’ ico kiyaga c’ibirahuri, bafise inanga z’Imana.


Umumarayika w’indwi avuza inzamba: mw ijuru hakurikira amajwi arenga, at’ Ubgami bg’isi buhindutse ubg’ Umwami wacu n’ubga Kristo wiwe, kand’ azohora ahangamye ibihe bitazoshira.


ngize ntya mbona ubgiza bg’Imana y’ Abisirayeli buje buturutse mu nzira y’i burasirazuba. Ijwi ryayo ryari rimeze nk’ugusūma kw’ amazi menshi; isi ikayanganishwa n’ubgiza bgayo.


Mushimishe Uhoraho ikembe, Mumuririmbire muvuza ishimwe ryiwe mu nanga y’ imirya cumi.


Dawidi n’umuryango wose w’Abisirayeli bagenda biyereka biginagura, bar’ imbere y’Uhoraho, bavuza inanga n’amakembe n’ udushako tw’ingoma n’imiduri n’ivyitwa matowazi.


Ku musi ugira gatatu mu gatondo haba imituragaro n’imiravyo, n’igicu c’igipfungu kizitanye kur’ uwo musozi, humvikana n’ijwi ry’inzamba rirengēra cane; abantu bose bar’ aho bashagaje bahinda agashitsi.


Ntihazokwumvikana ukundi muri wewe ijwi ry’abacuraranzi n’iry’ abaririmvyi, n’iry’ abavuza imyironge n’iry’ abavuza inzamba; kandi nta muhinga w’umunyabuhinga bgose agisubira kuboneka muri wewe ukundi, kand’ ukuvuga kw’urusyo ntikugisubira kwumvikana muri wewe ukundi.


Bumva ijwi rirenga rivuye mw ijuru ribabarira, riti Ni mudūge muze ino. Badūga mu gicu baja mw ijuru abansi babo barorēra.


Mbona Umwagazi w’Intama amena kamwe muri twa dushashara ndwi tumatanije ca gitabo: numva kimwe muri vya binyabugingo bine kivuga nk’ijwi ry’inkuba, kiti Ngwino.


Ku musi w’Imana nari muri Mpwemu, numva inyuma yanje ijwi rirenga nk’iry’ inzamba,


Amajwi y’amazi menshi, Imipfunda ihambaye yo mu kiyaga, Uhoraho ar’ iyo hejuru abirusha inkomezi.


Tuvugira inanga y’imirya cumi n’ikembe, Tukōmānza inanga.


Ewe bgiza bganje, ni wikangure; kembe n’inanga ni mwikangure: Nanje ubganje nzokwikangura ntange umutwenzi.


Uwa mbere aravuza. Haza urubura n’umuriro bivanze n’amaraso, bishiburirwa mw isi. Ikigira gatatu c’isi kirasha, ikigira gatatu c’ibiti kirasha, ivyatsi bibisi vyose birasha.


Kand’ Uhoraho azoserukira hejuru yabo, umwampi wiwe wirase nk’umuravyo, kand’ Umwami Uhoraho azovuza inzamba, aje mu gihuhuta c’i bumanuko.


Amoko azosūma nk’ugusūma kw’amazi menshi: arikw Imana izoyakankamira, na yo azohungira kure, nk’ ibishingwe vyo ku misozi iyo bijanwa n’umuyaga, nk’ifurufumbi y’ umukungugu ir’ imbere y’igihuhuta.


Bashimire izina ryiwe mu mvyino: Bamuririmbire ishimwe batamba agashako k’ingoma, bavugira inanga.


Muririmbire Uhoraho ishimwe, muvugira inanga; Muvugira inanga, muririmbe indirimbo.


Abantu bose bumvise ya mituragaro, babonye ya miravyo, bumvise n’ijwi rya ya nzamba, babonye na wa musozi upfūndūka umwotsi, baterwa n’ubgoba bahinda agashitsi, barasuha bahagarara kure.


Muririmbire Uhoraho mumukengurukira, Muririmbire Imana yacu ishimwe muvugira inanga.


Maze nzoja ku gicaniro c’ Imana, Ku Mana, ni yo munezero uzana ibinezaneza vyanje; Ngutazirishe inanga, Mana, wewe Mana yanje.


Naho novuga indimi z’abantu n’iz’ abamarayika, ariko ntagira urukundo, noba ncitse umuringa uvuga, cank’ icuma kivuzwa kigasāma.


Nuko bashika i Yerusalemu bavuza amakembe n’ inanga n’inzumbete, bashika ku ngoro y’Uhoraho.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite