Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 14:18 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

18 Umumarayika wundi ava ku gicaniro, ni we aganza umuriro, asemerera n’ijwi rirenga, abarira ūfise umuhoro ukarishe, ati Rungika umuhoro wawe ukarishe, uce inzabibu zo ku muzabibu w’isi, kukw inzabibu zawo zirungurije.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

18 Uwundi mumarayika, yari afise ububasha ku muriro, aza avuye ku gicaniro, ahamagara umwe afise umuhoro ukarishe n’ijwi rirenga avuga ati: “Fata umuhoro wawe ukarishe, usorome inzabibu zo mu ruzabibu rwo kw’isi, kuko inzabibu zireze.”

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 14:18
7 Referans Kwoze  

Ni musohore imihoro, kukw iyimbura rigeze! Ni muze mugane, kuk’ ubgato bguzuye, kand’ amāto akaba abōgabōga; kukw ibibi vyabo ari vyinshi.


Uwa kane asuka urwavya rwiwe mu zuba. Rihabga kubaburisha abantu umuriro.


Maz’ imirima yeze, aca ayitemesha umuhoro, kukw igihe c’ishwābūra kigeze.


Haza umumarayika wundi, ahagarara ku gicaniro, afise icotero c’izahabu, ahabga imibavu myinshi ngw ayishire ku gusenga kw’abera bose kuri ku gicaniro c’izahabu kir’ imbere y’iyo ntebe.


Numva igicaniro kivuga, kit’ Ego me Mwami Mana ushobora vyose, amateka yawe n’ay’ ukuri n’ukugororoka.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite