Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 14:15 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

15 Umumarayika wundi ava mu rusengero, asemerera n’ijwi rirenga, abgira ūvyagiye kur’ ico gicu, ati N’urungike umuhoro wawe, wimbure, kukw iyimbura rishitse, kand’ ivyimburwa vyo mw isi vyumye.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

15 Haca haza uwundi mumarayika avuye mu rusengero, arasemerera abwira umwe yicaye ku gicu ati: “Bangura umuhoro wawe wimbure, kuko igihe co kwimbura kirageze, ivyimburwa vyo kw’isi bireze.”

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 14:15
20 Referans Kwoze  

Ni musohore imihoro, kukw iyimbura rigeze! Ni muze mugane, kuk’ ubgato bguzuye, kand’ amāto akaba abōgabōga; kukw ibibi vyabo ari vyinshi.


Maz’ imirima yeze, aca ayitemesha umuhoro, kukw igihe c’ishwābūra kigeze.


Umwansi yarubivye ni wa Murwanizi. Igenya n’umuhero w’isi. Abagenyi n’abamarayika.


Kuk’ ukw ari k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, ni we Mana y’Abisirayeli, at’ Umukobga ari we Babuloni ameze nk’imbuga iy’ ikubita rigeze; hasigaye igihe gito igihe co kwimburwa kikahashikako.


Umumarayika wundi ava ku gicaniro, ni we aganza umuriro, asemerera n’ijwi rirenga, abarira ūfise umuhoro ukarishe, ati Rungika umuhoro wawe ukarishe, uce inzabibu zo ku muzabibu w’isi, kukw inzabibu zawo zirungurije.


Mureke bikurane vyompi gushitsa mw igenya. Maze mu gihe c’igenya nzobgira abagenyi, nti Mubanze mutororokanye urwamfu, muruhambire imikama, muruturire; arik’ uburo mubgimburire mu kigega canje.


Uw’ indwi asuka urwavya rwiwe mu kirere. Ijwi rirenga riva mu rusengero kuri ya ntebe, rivuga, riti Karabaye.


None ni mwuzurize ingero ya ba sogokuruza banyu.


hasohoka ba bamarayika ndwi bava mur’ urwo rusengero bafise vya vyago ndwi, bambaye impuzu zera zitanduye, zikayangana, kandi bambaye imikanda y’izahabu mu gikiriza.


Kandi mbona igicu cera; no kuri kino gicu ūkivyagiyeko, asa n’Umwana w’umuntu, yambaye igitsibo c’izahabu mu mutwe, kand’ afise umuhoro ukarishe mu kuboko.


Batakambisha ijwi rirenga, bati Databuja wera w’ukuri, uzogeza ryari kudaca amateka no kudahōra abari mw isi amaraso yacu?


batubuza kubarira abanyamahanga ngo bakire; na ntaryo buzuza ingero y’ivyaha vyabo. Arik’ uburake bububiriye kubamara rwose.


Kiganzisha ububasha bgose bga ca gisato ca mbere mu maso yaco, kigōbēra isi n’abayibako gusenga ca gikōko ca mbere, cakize uruguma rwocishe.


Kubga Siyoni sinzocereza, no kubga Yerusalemu sinzoruhuka, gushitsa ah’ ugutsinda kwaho kuzoserukira nk’umuco, n’ agakiza kaho kakamera nk’itara ryaka.


Yizera Uhoraho, Uhoraho abimuharūrako nk’ ukugororoka.


Urusengero rw’Imana rwo mw ijuru rurugururwa, mu rusengero rwayo habonekamw’ isandugu y’isezerano ryayo, hakurikira imiravyo n’amajwi n’imituragaro no gutigita kw’isi n’urubura ruhambaye.


Ūvyagiye ku gicu arekurira umuhoro wiwe mw isi, isi irimburwa.


Umumarayika wundi ava muri rwa rusengero rwo mw ijuru, na we nyene afise umuhoro ukarishe.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite