Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 14:14 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

14 Kandi mbona igicu cera; no kuri kino gicu ūkivyagiyeko, asa n’Umwana w’umuntu, yambaye igitsibo c’izahabu mu mutwe, kand’ afise umuhoro ukarishe mu kuboko.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

14 Hanyuma nca mbona igicu cera, kandi kuri co hari hicaye uwusa n’Umwana w’Umuntu. Yari yambaye urugori rw’inzahabu ku mutwe, afise n’umuhoro ukarishe mu minwe.

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 14:14
19 Referans Kwoze  

Kandi mu vyo neretswe mw ijoro, nagize ntya mbona haje uwusa n’Umwana w’umuntu, azananye n’ibicu vyo kw ijuru, aza kuri wa Wundi wa mbere na mbere, baramumushikiriza.


Imbūri yo kuri Egiputa. Rāba Uhoraho areruwe n’ igicu cihuta, aja muri Egiputa; ibigirwamana vyo muri Egiputa bizohindira agashitsi imbere yiwe, umutima wa Egiputa uzoyagira mu nda.


kandi hagati y’ivyo biterekwakw amatara mbona uwusa n’Umwana w’umuntu, yambaye imyambaro ishika ku birenge, yambaye mu gikiriza umukanda w’izahabu.


Ariko, uwacishijwe bugufi, akaba musi y’abamarayika gato, ni we Yesu, tumubona yambitswe ubgiza n’icubahiro nk’igitsibo, kubg’ imibabaro y’urupfu, kugira ng’ ubuntu bg’Imana butume arogorera umuntu wese urupfu.


Ni ho bazobona Umwana w’umuntu aje mu gicu, ari n’ububasha n’ubgiza bginshi.


Akivuga, haza igicu gikayangana, kibatera igitūtu; kand’ ijwi riva muri nya gicu, riti Nguyu Umwana wanje nkunda, akampimbara; ni mumwumve.


Ibicu n’umwiza biramukikije: Ukugororoka n’imanza zibereye ni vyo ingoma yiwe ihagazeko.


Mbona ifarasi y’igitare, kand’ ūyicayeko yar’ afise umuheto, ahabga igitsibo, agenda anesha, kandi ngo yame anesha.


Eh’ arazanana n’ibicu, kand’ ijisho ryose rizomwibonera, n’abāmucumise bazomubona: kand’ amoko yose yo mw isi azoborogeshwa na we. Ni ko biri. Amen.


Hirya y’iryo tāzānure ryo hejuru y’imitwe yavyo hār’ igisa n’intebe y’ubgami imeze nk’akabuyenge kitwa safiro; kandi hejuru kur’ ico kintu casa n’intebe y’ubgami hār’ igisa n’umuntu.


Kuk’ umusanganije imigisha y’ivyiza, Wamwambitse igitsibo c’izahabu nziza mu mutwe.


Mbona intebe niniya yera, mbona n’Iyivyagiyeko, isi n’ijuru bihunga mu nyonga hayo, aho vyahora ntihaba hakiboneka.


Inyonga ziwe n’imbeya z’umuriro, no mu mutwe yambaye imigāra myinshi, kand’ afise izina ryanditswe, nta wurizi atari we wenyene.


bati Turagushimye, Mwami Mana ushobora vyose, uriho kandi wamyeho, kuko wābiriye ububasha bgawe buhambaye, ukima.


Mbona umumarayika wundi w’inkomezi, amanuka ava mw ijuru, yambaye igicu, no mu mutwe yari yambaye umunywamazi, mu maso hiwe hasa n’izuba, amaguru yiwe asa n’inkingi z’umuriro.


Maz’ imirima yeze, aca ayitemesha umuhoro, kukw igihe c’ishwābūra kigeze.


Mureke bikurane vyompi gushitsa mw igenya. Maze mu gihe c’igenya nzobgira abagenyi, nti Mubanze mutororokanye urwamfu, muruhambire imikama, muruturire; arik’ uburo mubgimburire mu kigega canje.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite