Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 14:11 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

11 Umwotsi wo kubabazwa kwabo upfunduka ibihe bitazoshira, kandi ntibaruhuka ku murango no mw ijoro, abasenze ca gikōko n’igishushanyo caco, umuntu wese yemeye gushirwakw ikimenyetso c’izina ryaco.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

11 Umwotsi w’ukubabazwa kwabo uzokwama upfunduka ibihe vyose. Abazosenga ico gikoko n’igishushanyo caco, canke abazokwemera gushirwako ikimenyetso c’izina ryaco, nta gahengwe bazogira haba mw’ijoro canke ku murango.”

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 14:11
30 Referans Kwoze  

Rivuga ubugira kabiri, riti Haleluya. Kand’ umwotsi wiwe upfunduka ibihe bitazoshira.


Ntikizozimwa ku murango no mw ijoro, umwotsi waco uzopfunduka ibihe bidashira; kizohora ar’ amatongo uk’ urunganwe rwabo ruzogenda rukurikirana: kandi nta wuzogicamwo gushitsa ibihe bitazoshira.


Kand’ Umurwanizi yabazimiza atererwa muri ca kiyaga caka umuriro n’amazuku, kirimwo na ca gikōko na wa muvugishwa w’ibinyoma, bazobabazwa ku murango no mw ijoro ibihe bitazoshira.


Abo bazoja mu gihano kidashira, arikw abagororotsi bazoja mu bugingo budashira.


Maz’ azobgira n’abar’ i bumoso, ati Mva i ruhande, mwa bivume mwe, muje mu muriro utazima wateguriwe wa Murwanizi n’abamarayika biwe.


kandi bakirāba umwotsi wo kuyigizwa kwaco barataka, bati N’ikihe cari gihwanye na kiriya gisagara gihambaye?


Umumarayika wundi wa gatatu akurikirirako, avuga n’ijwi rirenga, ati Ni hagira umuntu asenga ca gikōko n’igishushanyo caco, akemera gushirwakw ikimenyetso mu ruhanga canke ku kiganza,


Abanyavyaha b’i Siyoni baratinye; agatengo gafashe giturumbuka abatubaha Imana. Muri twebge ni nde yoshobora kubana n’umuriro utongora, kandi muri twebge ni nde yoshobora kubana n’ikibengebenge kidahengeshanya?


yerekeza amaso ahahera i Sodomu n’i Gomora n’igihugu cose ca ca kiyaya, aritegereza, abona imyotsi y’ico gihugu ipfūndūka nk’ imyotsi y’itanure.


Umumarayika w’indwi avuza inzamba: mw ijuru hakurikira amajwi arenga, at’ Ubgami bg’isi buhindutse ubg’ Umwami wacu n’ubga Kristo wiwe, kand’ azohora ahangamye ibihe bitazoshira.


bati Amen, umugisha no guhimbazwa n’ubgenge n’ishimwe n’icubahiro n’ububasha n’ubushobozi n’ivy’ Imana yacu ibihe bitazoshira. Amen.


Ariko, ivy’ Umwana wayo yabivuze, it’ Ingoma yawe, Mana, ihangamye ibihe bidashira, Icumu ry’ubugabe bgawe n’icumu ry’ūganza atunganye.


Mana yanje, Mwami wanje, ndagushira hejuru; Nzoshemagiza izina ryawe ibihe bitazoshira.


Uhoraho ni we Mwami ibihe bitazoshira, Abanyamahanga bārandukiye mu gihugu ciwe.


Uhoraho azokwama ahangamye ibihe bitazoshira.


Nta joro rizoba rikiriho, kandi ntibazorinda kubonesherezwa n’itara canke kwākirwa n’izuba, kuk’ Umwami Imana ari yo izobākira, kandi bazoba abami ibihe bitazoshira.


Kiganzisha ububasha bgose bga ca gisato ca mbere mu maso yaco, kigōbēra isi n’abayibako gusenga ca gikōko ca mbere, cakize uruguma rwocishe.


Ni muze kuri jewe mwese abananiwe n’abaremerewe, ndabaruhura;


Nzoshira utwumiza mw ijuru no mw isi: amaraso n’umuriro no gupfūndūka kw’umwotsi.


Arikw abanyakibi bameze nk’ikiyaga gisuriranya; kuko kidashobora guhwekera, kand’ amazi yaco azīkurura isūri n’imyanda.


Kandi mur’ ayo mahanga nta mahoro muzohabonera; ntimuzogira uburagamo bg’aho mushinga ikirenge; Uhoraho azobaha kwamana imitima ihagaze, no guhwera mu kajisho, no kugenda muhondobēra mu mitima.


Kuk’ uwo musi ari wo wo guhōra kw’ Uhoraho, n’umwaka wo kubasubiriza mu nkōko ku vyo bāgiriye Siyoni.


arik’ umuntu wese atikubita hasi ngw asenge, mur’ ako kanya aca atererwa mw itanure ry’umuriro uhinda.


Gihabga guha ico gishushanyo c’igikōko guhūmēka, ngw ico gishushanyo c’igikōko kivuge, kandi cicishe abatazogisenga bose.


kandi ko hatagira umuntu yemererwa kugira ic’ agura cank’ ic’ ashōra, atar’ ūfise ico kimenyetso, ni co zina rya ca gikōko cank’ igitigiri c’izina ryaco.


Kand’ abami bo kw isi, abāsambana na we, bagasangira na we ibihinda vyiwe, bazomuririra, bamuvugirize amarūru, aho bazobonera umwotsi wo kuyigizwa kwiwe,


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite