Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 13:8 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

8 Kand’ ababa kw isi bose bazogisenga, umuntu wese atanditswe izina mu gitabo c’ubugingo c’Umwagazi w’Intama yatanzwe kw ikimazi uhereye ku kuremwa kw’isi.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

8 Kandi ababa kw’isi bose basenga ico gikoko. Abo ni abatanditswe mu gitabu c’ubugingo c’Umwagazi w’Intama yishwe, kuva isi itararemwa.

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 13:8
25 Referans Kwoze  

nk’uko yadutoranirije muri we, itanguriro ry’isi ritarashirwaho, kugira ngo tube abera tutagira agasembga imbere yayo, turi mu rukundo.


Maz’ Umwami azobgira abar’ i buryo bgiwe, ati Ni muze, abo Data yahezagiye, muragwe ubgami mwateguriwe, uhereye ku kuremwa kw’isi.


Igikōko ubonye cariho kandi ntikikiriho, kandi kigira kidūge kive i kuzimu, kije kuranduka. Kand’ ababa kw isi batanditswe amazina yabo mu gitabo c’ubugingo, uhereye ku kuremwa kw’isi, bazotangara babonye ico gikōko yuko cariho kandi kitakiriho, kandi kizoboneka.


Ūnesha azokwambikwa artyo impuzu zera, kandi sinzosibanganya izina ryiwe mu gitabo c’ubugingo na mba, kandi nzokwatura izina ryiwe imbere ya Data, n’imbere y’abamarayika biwe.


nkora nizigiye kuzoronka ubugingo budashira, ubgo Imana itazi kubesha yasezeranye kera, ibihe vyose bitarabaho.


Kandi kuri wo nta ho hazogera ikintu gihumanya, cank’ ūkora ibizira akabesha, atar’ abanditswe mu gitabo c’ubugingo ca wa Mwagazi w’Intama.


Bavuga n’ijwi rirenga, bat’ Umwagazi yishwe abereye guhabga ububasha n’ubutunzi n’ubgenge n’ubushobozi n’icubahiro no guhimbazwa n’umugisha.


Bukeye bg’aho abona Yesu aza kuri we, aravuga, ati Nguyu Umwagazi w’intama w’Imana ukūrah’ icaha c’abari mw isi.


Maz’ ico gihe Mikayeli azohaguruka, ni we mugabisha ahagarikiye ubgoko bganyu; kandi hazoba igihe c’umubabaro utigeze kubaho, uhereye igihe amahanga yabereyeho, ukageza ico gihe. Arikw ico gihe umuntu wese wo mu bgoko bganyu azoboneka ko yanditswe mu gitabo azorokoka.


Ariko ntimunezerezwe n’ukw izo mpwemu zibumvira, yamara munezerezwe n’ukw amazina yanyu yanditswe mw ijuru.


Kandi nawe, ndakwinginga, uwo dufatanije igikorwa vy’ukuri, wame ufasha abo bagore, kuko bārwananye nanje mu kurwanira ubutumwa bgiza, bo na Kilementi n’abandi bāfatanya nanje, amazina yabo yanditswe mu gitabo c’ubugingo.


Es’ icompa ukabaharira icaha cabo! Na ho bidashobotse, jewe upfume usibanganya izina ryanje mu gitabo cawe wanditse.


Maz’ ūzoba asigaye i Siyoni, n’ūzoba asigaye i Yerusalemu, umuntu wese yanditswe mu bakiriho b’i Yerusalemu, azokwitwa uwera,


Ehe mpagaze ku rugi, ndaramukije. Umuntu ni yumva ijwi ryanje, akugurura urugi, ndinjira i we, dusangire.


Ko witondeye ijambo ryo kwihangana kwanje, nanje nzokurinda igihe co kugerageza, kigira kize mu bihugu vyose, kugerageza ababa mw isi.


Ico kiyoka gisendanisha amazi nk’uruzi avuye mu kanwa kaco inyuma y’uwo mugore kugira ngo kimutwaze uruzi.


Isaka abaza se Aburahamu, ati Mbega da? Aramwitaba, ati N’iki ga mwana wanje? Ati Mbeg’ umuriro n’inkwi kw ari ngibi, non’ umwagazi w’intama uri hehe, wo gutanga kw ikimazi co kwoswa?


Basibanganywe mu gitabo c’ ubugingo, Ntibaze bandikanwe n’abagororotsi.


Kand’ icaremwe cose co mw ijuru no mw isi n’i kuzimu no hejuru y’ikiyaga n’ibiri muri vyo vyose, numva bivuga, bit’ Īvyagiye ku ntebe bo n’Umwagazi w’Intama, umugisha ube uwabo n’icubahiro no guhimbazwa n’ububasha, ibihe bitazoshira.


Mbona Umwagazi w’Intama amena kamwe muri twa dushashara ndwi tumatanije ca gitabo: numva kimwe muri vya binyabugingo bine kivuga nk’ijwi ry’inkuba, kiti Ngwino.


Kiganzisha ububasha bgose bga ca gisato ca mbere mu maso yaco, kigōbēra isi n’abayibako gusenga ca gikōko ca mbere, cakize uruguma rwocishe.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite