Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 13:7 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

7 Gihabga kurwanya abera no kubanesha, kandi gihabga gutwara imiryango yose n’amoko yose n’indimi zose n’amahanga yose.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

7 Gica gihabwa ububasha bwo kugwanya abera b’Imana no kubanesha. Congera gihabwa n’ububasha bwo kuganza imiryango yose, amoko yose, indimi zose n’amahanga yose.

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 13:7
20 Referans Kwoze  

Maze nitegereje mbona iryo hembe rirwanya abera, rirabanesha,


Kandi ni baheza gushinga intahe, igikōko kizodūga kivuye i kuzimu, kizobarwanya, kibaneshe, kibice.


Ico gisato kigirira wa mugore inzigo, kirīgīra ngo kirwanye abo mu ruvyaro rwiwe basigaye, bitondera ivyagezwe n’Imana kandi bafise ibishingira Yesu intahe.


Īsumba vyose azoyivugakw amajambo y’agatītūro, kand’ azocobogoza abera b’Īsumba vyose. Azoja imigabo yo guhindura ibihe n’ivyagezwe; kandi bazorekerwa mu maboko yiwe kugeza ah’ igihe n’ibihe n’igice c’igihe bizoshirira.


Maz’ ico gihe Mikayeli azohaguruka, ni we mugabisha ahagarikiye ubgoko bganyu; kandi hazoba igihe c’umubabaro utigeze kubaho, uhereye igihe amahanga yabereyeho, ukageza ico gihe. Arikw ico gihe umuntu wese wo mu bgoko bganyu azoboneka ko yanditswe mu gitabo azorokoka.


Arambgira, ati Ya mazi wabonye, maraya yicarako, ni yo moko n’amakungu y’abantu n’amahanga n’indimi.


Kand’ amahanga araraka, uburake bgawe buraza, igihe co guciramw’ amateka abapfuye kirashika, n’ico kugereramw’ abasavyi bawe, ni bo bavugishwa nawe, no kugerera abera n’abubaha izina ryawe, aboroshe n’abahambaye, n’ico guhonerezamw’ abahonnya isi.


Yesu aramwishura, ati Nta bubasha war’ ufise kuri jewe, shit’ ubuhawe buvuye hejuru, ni co gituma uwakunshikirije afise icaha kirengeje.


Barambarira, bat’ Ukwiye kuzosubira kuvugishwa ivy’ amoko menshi n’amahanga menshi n’indimi nyinshi n’abami benshi.


Baririmba indirimbo nsha, bati Birakubereye kwābīra igitabo, no kumena ibikimatanije, kuko wishwe, ugacungurira Imana abo mu miryango yose no mu ndimi zose no mu moko yose no mu mahanga yose, ubacunguje amaraso yawe,


Umurwanizi aramubgira, ati Ndaguha ubu bubasha bgose n’ubgiza bgabgo, kuko jewe nabuhawe, kandi mbuha uwo ngomba wese:


ut’ Ariko, icatumye aba arakuretse, n’ukugira ngo akwereke ubushobozi bgiwe, kandi ngw izina ryiwe ryāmāmare mw isi yose.


nzotuma kugomora imiryango yose y’i burārūko, ni jewe Uhoraho mbivuze, kandi nzotuma no kuri Nebukadineza umwami w’i Babuloni, umusavyi wanje, mbazane ngo barwanye iki gihugu n’abakibamwo, barwanye n’aya mahanga yose agikikije; kandi nzobageseza rwose, mbahindure akajoreza, n’abo kuvuzwakw agahwa, n’iciro ry’imigani ibihe bidashira.


Mbega ntiwumvise uko nabigenjeje kera, mbigabiye mu bihe vyashize? None narabishikije, kugira ng’ uhonnye ibisagara vyubakiwe inzitiro, ubihindure ibirundo vy’amasakamburira.


Mbeg’ incabiti yokwirata k’ūrikw arayisatuza? Cank’ umusumeno wokwihayagiza k’ūrikw arawukereza? Ni nk’ah’ inkoni yozungagiza ūyītwāje, cank’ ikibando coterura ikitar’ igiti!


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite