Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 13:6 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

6 Giteranura akanwa kaco kirogota ku Mana, kirogota no kw izina ryayo, no kw ihema ryayo, no ku baba mw ijuru.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

6 Nuko gica gitangura kuvuga amajambo mabi yo gucokora Imana, no gutuka izina ryayo, n’aho iba, n’ababa mw’ijuru.

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 13:6
26 Referans Kwoze  

Nuko noneho munezerwe mwa majuru, namwe abayabamwo. Ibara rizobonwa n’isi n’ikiyaga, kuk’ Umurwanizi yabamanukiye, ari n’inzigo nyinshi, azi kw afise igihe gito.


Kuko Kristo atinjiye ahēra cane hākozwe n’intoke, h’ikigereranyo c’ah’ ukuri, ariko yinjiye mw ijuru ubgaho, kugira ngo non’ aduserukire imbere y’inyonga z’Imana.


Kuko mu mutima havamw’ ivyiyumviro bibi: ubgicanyi, ubusambanyi, ubushakanyi, ubgivyi, kwagiriza abandi ibinyoma, ibitutsi.


Mwa bana b’inzoka mwe, mwoshobora mute kuvuga ivyiza muri babi? Ibibōgabōga mu mutima ni vyo akanwa kavuga.


Numva ijwi rirenga, rivuye kuri ya ntebe, rit’ Eh’ ihema ry’Imana riri kumwe n’abantu, kand’ izogerēra muri bo, na bo bazoba abantu bayo, kand’ Imana ubgayo izobana na bo, izoba Imana yabo.


Ni biguhimbare, wa juru, namwe abera n’intumwa n’abavugishwa n’Imana, kukw Imana igiciriyekw iteka, igihōra mwebge.


Bumva ijwi rirenga rivuye mw ijuru ribabarira, riti Ni mudūge muze ino. Badūga mu gicu baja mw ijuru abansi babo barorēra.


Hanyuma y’ivyo mbona ishengero ryinshi, ata woshobora kuriharūra, bo mu mahanga yose n’imiryango yose n’amoko yose n’indimi zose, bahagaze imbere y’iyo ntebe n’imbere y’Umwagazi w’Intama, bambaye imvune zera, bari n’amashami y’ibigazi mu minwe:


Kand’ icaremwe cose co mw ijuru no mw isi n’i kuzimu no hejuru y’ikiyaga n’ibiri muri vyo vyose, numva bivuga, bit’ Īvyagiye ku ntebe bo n’Umwagazi w’Intama, umugisha ube uwabo n’icubahiro no guhimbazwa n’ububasha, ibihe bitazoshira.


Iyo ntebe yar’ ikikijwe n’izindi ntebe mirongwibiri na zine: kur’ izo ntebe mbona abakuru mirongwibiri na bane bazicayeko, bambaye impuzu zera, no mu mitwe yabo har’ ibitsibo vy’izahabu.


Hanyuma y’ivyo ndāvye mbona mw ijuru urugi rwuguruye, kandi rya jwi nabanje kwumva rivugana nanje ari nk’iry’ inzamba, rirambgira, riti Dūga uze hano, nkwereke ibikwiye kuzobaho hanyuma y’ivyo.


Kuko hār’ ihema ryiteguwe, mu ryo hino hārimw’ igiterekwakw amatara, n’ameza, n’imitsima y’ibiterekerwa yama kuri yo: iryo ryitwa Ahēra.


Imihogo yabo n’imva zirangāye, Bāhendahendanishije indimi zabo; Ubumara bg’inzoka buri mu binyigishi vyabo.


Kuko muri we ari ho haba ukunengesera kwose kw’Ubumana mu buryo bg’umubiri.


Kukw Imana yahimbawe n’uk’ ukunengesera kwayo kwose kuba muri we:


Kand’ uwo Jambo yihaye umubiri, abana natwe, twitegereza ubgiza bgiwe, n’ubgiza bumeze nk’ubg’ Umwana w’ikinege ava kwa Se, yuzuye ubuntu n’ukuri.


Hanyuma y’ivyo Yobu yanzika kuvuga, avuma umusi wo kuvuka kwiwe.


Bashize akanwa kabo mw ijuru, Ururimi rwabo ruyerera mw isi yose.


Nitegereje ayo mahembe, mbona muri yo hameze akandi gahembe gatoya. Imbere yako hakūrwa amahembe atatu mu yar’ asanzwe. Maz’ ako gahembe nkabonakw amaso asa n’ay’ umuntu, n’akanwa kavuga ibihambaye.


Īsumba vyose azoyivugakw amajambo y’agatītūro, kand’ azocobogoza abera b’Īsumba vyose. Azoja imigabo yo guhindura ibihe n’ivyagezwe; kandi bazorekerwa mu maboko yiwe kugeza ah’ igihe n’ibihe n’igice c’igihe bizoshirira.


Nuk’ uwo mwami azokora uko yigombeye, yishire hejuru, yīgire agahambaye gasumba icitwa imana cose, kand’ azovuga ibitangaza vyo kurogota ku Mana nya mana, azororanirwa gushitsa ah’ uburake buzoshikira; kukw icashinzwe kitazobura gushika.


Ni co gituma baba imbere y’intebe y’Imana, bakayikorera mu rusengero rwayo ku murango no mw ijoro: kand’ Īvyagiye kur’ irya ntebe izosanza ihema ryayo hejuru yabo.


Hanyuma y’ivyo mbona huguruka urusengero rw’ihema ry’Ibishinga intahe rwo mw ijuru,


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite