Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 13:3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 Muri ya mitwe yaco mbonamw’ umwe usa n’ūkomeretse akagīrīre: uruguma rwocishe rurakira. Isi yose ikurikira ico gikōko bagitangarira.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

3 Ku mutwe umwe w’ico gikoko hari igikomere giteye ubwoba, cashobora kucica, ariko ico gikomere gica kirakira. Maze isi yose itangarira cane ico gikoko, iranagikurikira.

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 13:3
15 Referans Kwoze  

Igikōko ubonye cariho kandi ntikikiriho, kandi kigira kidūge kive i kuzimu, kije kuranduka. Kand’ ababa kw isi batanditswe amazina yabo mu gitabo c’ubugingo, uhereye ku kuremwa kw’isi, bazotangara babonye ico gikōko yuko cariho kandi kitakiriho, kandi kizoboneka.


Kizimirisha ababa kw isi ibimenyetso cahawe gukorera mu maso ya ca gikōko, kibarira ababa kw isi gukora igishushanyo ca ca gikōko cari n’uruguma rw’inkota, kigahava kikabaho.


Kukw Imana yashize mu mitima yabo gukora ivyo yagabiye, no guhūza inama, no gushira ca gikōko ku ngoma yabo, kugeza ah’ amajambo y’Imana azoshikira.


Kandi ni yo bami ndwi: abatanu bārakombowe, umwe ariho, uwundi we ntaraza, kandi ni yaza azoba ar’ uwo kumara igihe gito.


Maz’ amaboko y’ umwami w’i Babuloni nzoyakomeza, inkota yanje ndayishire mu kuboko kwiwe; arikw amaboko ya Farawo nzoyavuna, kand’ azonihira imbere yiwe umuniho nk’uw’ ūkomeretse uruguma rw’intakira.


Abo bahūza inama, baha ca gikōko ububasha bgabo n’ubutware bgabo.


Kiganzisha ububasha bgose bga ca gisato ca mbere mu maso yaco, kigōbēra isi n’abayibako gusenga ca gikōko ca mbere, cakize uruguma rwocishe.


Na Simoni na we arizera, kand’ amaze kubatizwa yāmana na Filipo: abonye ibimenyetso n’ibitangaza bihambaye vyakorwa, arūmirwa.


Mur’ iyo misi icagezwe kiva kwa Kayisari Augusito, ngw abo mw isi bose bandikwe.


Kandi mbona uwo mugore aborewe amaraso y’abera n’amaraso y’abashingiye intahe ivya Yesu. Ndamubonye birantangaza ndumirwa rwose.


Arikw Abafarisayo bavugana muri bo, bati Murabona kw ata co mumaze: rāba isi yose yamukondoreye inyuma.


Kandi ca gikōko, cariho kandi kitakiriho, ico ubgaco n’ūgira umunani, ariko kandi n’umwe muri ba bandi ndwi, kand’ azoja kuranduka.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite