Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 13:18 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

18 Aho ni ho ubgenge buserukira. Ūfise ubgenge n’aharūre igitigiri c’ico gikōko. N’igitigiri c’umuntu: igitigiri caco n’amajana atandatu na mirongwitandatu na gatandatu.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

18 Gutahura ibi bisaba ubwenge. Uwufise ubwenge arashobora gutahura ivy’ico giharuro c’ico gikoko, kuko ni igiharuro gihagarariye izina ry’umuntu. Ico giharuro ni 666.

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 13:18
10 Referans Kwoze  

Mbona igisa n’ikiyaga c’ibirahuri kivanze n’umuriro; mbona abatabarutse banesheje ca gikōko n’igishushanyo caco n’igitigiri c’izina ryaco, bahagaze kur’ ico kiyaga c’ibirahuri, bafise inanga z’Imana.


Aha ni ho umutima w’ubgenge userukira. Imitwe ndwi, iyo ni yo misozi ndwi uwo mugore yicayeko.


Agera urugo rwawo, rushikana amatambge ijana na mirongwine n’ane, y’ukuboko uciriye mu nkokora, nk’ukw itambge ritambishwa ukuboko kw’umuntu ringana, ni kw iry’ umumarayika ringana.


Hahirwa ūsoma, hahirwa n’abumva amajambo y’uku kuvugishwa n’Imana, bakitondera ivyanditswe muri yo: kukw igihe kiri hafi.


Ariko, aho muzobonera ca kizira c’ubuyobe bg’ubugesera gihagaze aho kidakwiye, (ūsoma ni yiyubare), ico gihe abazoba bar’ i Yudaya baze bahungire ku misozi miremire,


Benshi bazotunganywa, bezwe, bavugutirwe; arikw abanyakibi bazoshishikara gukora ikibi, kandi nta n’umwe mu banyakibi azobitahura; arikw abāgize ubgenge bazobitahura.


Ni nde azi ubgenge? N’atahure ivyo! Ni nde w’umuhanga? N’abimenye! Kukw inzira z’ Uhoraho ar’ iziroranye, kand’ abagororotsi ni bo bazozigendamwo; arikw abacumura bazozigwamwo.


Ūgira ubgenge wese azoshira umutima kur’ ivyo, Kandi bazokwitegereza imbabazi z’Uhoraho.


(Kand’ uyo Ogi, umwami w’i Bashani, ni we wenyene yar’ agasigarira k’Abarefa. Uburiri bgiwe bgar’ ubg’ icuma: mbega ntibukir’ i Raba mu Bamoni no kugeza n’ubu? Uburebure bgabgo bgar’ amatambge cenda y’ukuboko uciriye mu nkokora, ubgaguke bgar’ amatambge ane, nk’ukw itambge ry’ ukuboko risanzwe rireha.)


Ariko namb’ ukugabitanya kwacu kwāshimagije ukugororoka kw’Imana, tuvuge iki? Mbeg’ Imana iragabitanya, kukw iduhanisha uburake bgayo? Mbivuze nk’imvugo y’abantu.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite