Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 13:14 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

14 Kizimirisha ababa kw isi ibimenyetso cahawe gukorera mu maso ya ca gikōko, kibarira ababa kw isi gukora igishushanyo ca ca gikōko cari n’uruguma rw’inkota, kigahava kikabaho.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

14 Kubera ubwo bubasha cahawe bwo gukora ibimenyetso n’ibitangaza ku bwa ca gikoko ca mbere, kizimiza ababa kw’isi. Gitegeka ababa kw’isi gukora igishushanyo ca ca gikoko ca mbere cari carakomerekejwe cane n’inkota, ariko kigakira.

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 13:14
29 Referans Kwoze  

Ico gikōko gifatwa mpiri, bo na wa muvugishwa w’ibinyoma, yakorera vya bimenyetso mu maso yaco, akabizimirisha abemeye gushirwakw ikimenyetso ca ca gikōko n’abasenga igishushanyo caco. Vyompi bitererwa bibona mu kiyaga caka umuriro n’amazuku.


Ca gisato c’amahēro kirakororwa, ni co ya nzoka ya mbere, yitwa Murwanizi, irindi ni Satani, ni co kizimiza abari kw isi bose, gikororerwa kw isi, abamarayika baco bakororanwa na co.


Kand’ ababa kw isi bose bazogisenga, umuntu wese atanditswe izina mu gitabo c’ubugingo c’Umwagazi w’Intama yatanzwe kw ikimazi uhereye ku kuremwa kw’isi.


Kand’ Umurwanizi yabazimiza atererwa muri ca kiyaga caka umuriro n’amazuku, kirimwo na ca gikōko na wa muvugishwa w’ibinyoma, bazobabazwa ku murango no mw ijoro ibihe bitazoshira.


Kand’ ukumurika kw’itara ntikugisubira kubonesha muri wewe ukundi, kand’ ijwi ry’umukwe n’iry’ umugeni ntirigisubira kwumvikana muri wewe ukundi. Abadandaza bawe bār’ abahambaye bo kw isi, kukw amahanga yose yahendahenzwe n’uburozi bgawe.


Uwa mbere aragenda, asuka urwavya rwiwe kw isi, abantu bafise ikimenyetso ca ca gikōko, bagasenga igishushanyo caco, bafatwa n’ibisebe bikomeye bibi.


Mbona igisa n’ikiyaga c’ibirahuri kivanze n’umuriro; mbona abatabarutse banesheje ca gikōko n’igishushanyo caco n’igitigiri c’izina ryaco, bahagaze kur’ ico kiyaga c’ibirahuri, bafise inanga z’Imana.


Umwotsi wo kubabazwa kwabo upfunduka ibihe bitazoshira, kandi ntibaruhuka ku murango no mw ijoro, abasenze ca gikōko n’igishushanyo caco, umuntu wese yemeye gushirwakw ikimenyetso c’izina ryaco.


Umumarayika wundi wa gatatu akurikirirako, avuga n’ijwi rirenga, ati Ni hagira umuntu asenga ca gikōko n’igishushanyo caco, akemera gushirwakw ikimenyetso mu ruhanga canke ku kiganza,


Gihabga guha ico gishushanyo c’igikōko guhūmēka, ngw ico gishushanyo c’igikōko kivuge, kandi cicishe abatazogisenga bose.


umurwanizi yishira hejuru y’icitwa Imana cose cank’ igisengwa; nukw azokwicara mu rusengero rw’ Imana, yiyerekana ngo n’Imana.


Nuk’ uwo mwami azokora uko yigombeye, yishire hejuru, yīgire agahambaye gasumba icitwa imana cose, kand’ azovuga ibitangaza vyo kurogota ku Mana nya mana, azororanirwa gushitsa ah’ uburake buzoshikira; kukw icashinzwe kitazobura gushika.


Kandi wābiriye utugenegene twawe twiza tw’amazahabu yanje n’amafeza yanje, utwo naguhaye, utwicuriramw’ ibishushanyo vy’abagabo, maz’ usambana na vyo;


Kandi kamenyi ni yasukwa akagira ijambo avuga, ni jewe Uhoraho nzoba ndamusutse, kandi nzomushingiriza ukuboko kwanje, ndamurandure ndamukūre hagati mu bantu banje b’Abisirayeli.


Ūshima umunyota gusa, umutima wibesha uba wamujimije, bituma adashobora gukiza ubugingo bgiwe, ngw aruhe yibaza, ati Mbeg’ ico mfise mu kuryo kwanje s’ikinyoma?


Ni yo ifise inkomezi n’ubgenge bushitse; Ūgunga n’ūgungwa n’abayo.


Ngo Nukw azoguha guhambga hamwe na ba sogokuruza, ushike mu mva yawe amahoro; ngo Kand’ amaso yawe ntazobona ivyo vyago vyose azotēza aha hantu. Nuko baraza, bagarukanira umwami ayo majambo.


Maze Yesaya aravuga, ati Muzane intore ibumbabumbge mu nsukoni. Bayizanye bayomeka ku kivyimba, arakira.


Nuko ndinjira nditegereza; mbona amoko yose y’ibikwega inda hasi, n’ay’ ibikōko bizira, n’ibigirwamana vyose vy’ab’ inzu ya Isirayeli, bishushanijwe ku nzu impande zose.


Farawo na we ahamagaza abanyabgenge n’abapfumu: abo ni bo banyamarēba bo muri Egiputa, na bo babigira bartyo, babikoresheje amarēba yabo.


Ntutinye ivy’ ugira ubabazwe. Eh’ uwo Murwanizi agira ashire bamwe muri mwebge mw ibohero kugira ngo mugeragezwe, kandi muzogira amarushwa imisi cumi. Wame uyoboka gushitsa ku gupfa, nanje nzoguha igitsibo c’ubugingo.


Ko witondeye ijambo ryo kwihangana kwanje, nanje nzokurinda igihe co kugerageza, kigira kize mu bihugu vyose, kugerageza ababa mw isi.


Gihagarara ku musenyi wo ku kiyaga. Mbona igikōko ciburuka kiva mu kiyaga, gifise amahembe cumi n’imitwe ndwi: ku mahembe yaco hārih’ imigāra cumi, no ku mitwe yaco hārih’ amazina y’amarogotano.


Kandi mbona mu kanwa ka ca gisato no mu kanwa ka ca gikōko no mu kanwa ka wa muvugishwa w’ibinyoma, havamw’ impwemu zitatu zihumanya, zisa n’ibikere:


Na yo iti Ndagenda nihindure impwemu y’ibinyoma mu kanwa ka ba kamenyi biwe bose. Na we arayishura, ati Nuk’ uramwosha, kand’ uzobishobora; genda ugire urtyo.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite