Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 13:12 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

12 Kiganzisha ububasha bgose bga ca gisato ca mbere mu maso yaco, kigōbēra isi n’abayibako gusenga ca gikōko ca mbere, cakize uruguma rwocishe.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

12 Cari gifise ububasha bwa ca gikoko ca mbere, kirakiganziriza. Gica gitegeka isi yose n’abantu bose bayibako gusenga ca gikoko ca mbere, kimwe cakira igikomere giteye ubwoba.

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 13:12
12 Referans Kwoze  

Ico gikōko gifatwa mpiri, bo na wa muvugishwa w’ibinyoma, yakorera vya bimenyetso mu maso yaco, akabizimirisha abemeye gushirwakw ikimenyetso ca ca gikōko n’abasenga igishushanyo caco. Vyompi bitererwa bibona mu kiyaga caka umuriro n’amazuku.


Umwotsi wo kubabazwa kwabo upfunduka ibihe bitazoshira, kandi ntibaruhuka ku murango no mw ijoro, abasenze ca gikōko n’igishushanyo caco, umuntu wese yemeye gushirwakw ikimenyetso c’izina ryaco.


Umumarayika wundi wa gatatu akurikirirako, avuga n’ijwi rirenga, ati Ni hagira umuntu asenga ca gikōko n’igishushanyo caco, akemera gushirwakw ikimenyetso mu ruhanga canke ku kiganza,


umurwanizi yishira hejuru y’icitwa Imana cose cank’ igisengwa; nukw azokwicara mu rusengero rw’ Imana, yiyerekana ngo n’Imana.


Ico gikōko nabonye casa n’ingwe, amajanja yaco yar’ ameze nk’ay’ idubu, akanwa kaco kari kameze nk’ak’ intambge. Ca gisato kigiha ububasha bgaco, no kuja ku ngoma yaco, n’ubutware buhambaye.


Kand’ ababa kw isi bose bazogisenga, umuntu wese atanditswe izina mu gitabo c’ubugingo c’Umwagazi w’Intama yatanzwe kw ikimazi uhereye ku kuremwa kw’isi.


Uwa mbere aragenda, asuka urwavya rwiwe kw isi, abantu bafise ikimenyetso ca ca gikōko, bagasenga igishushanyo caco, bafatwa n’ibisebe bikomeye bibi.


Igikōko ubonye cariho kandi ntikikiriho, kandi kigira kidūge kive i kuzimu, kije kuranduka. Kand’ ababa kw isi batanditswe amazina yabo mu gitabo c’ubugingo, uhereye ku kuremwa kw’isi, bazotangara babonye ico gikōko yuko cariho kandi kitakiriho, kandi kizoboneka.


Mbona intebe z’ubgami, mbona abicara kuri zo, bahabga ubucamanza. Kandi mbona ubugingo bg’abaciwe amazosi, babahōra gushingira intahe Yesu, n’ijambo ry’Imana, ni bo batāsenze ca gikōko cank’ igishushanyo caco, kandi ntibemeye gushirwa ikimenyetso caco mu ruhanga canke ku kiganza. Baba bazima, bafatanya na Kristo kuganza imyaka igihumbi.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite