Ivyahishuwe 13:12 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)12 Kiganzisha ububasha bgose bga ca gisato ca mbere mu maso yaco, kigōbēra isi n’abayibako gusenga ca gikōko ca mbere, cakize uruguma rwocishe. Gade chapit laBibiliya mu Kirundi coroshe12 Cari gifise ububasha bwa ca gikoko ca mbere, kirakiganziriza. Gica gitegeka isi yose n’abantu bose bayibako gusenga ca gikoko ca mbere, kimwe cakira igikomere giteye ubwoba. Gade chapit la |
Mbona intebe z’ubgami, mbona abicara kuri zo, bahabga ubucamanza. Kandi mbona ubugingo bg’abaciwe amazosi, babahōra gushingira intahe Yesu, n’ijambo ry’Imana, ni bo batāsenze ca gikōko cank’ igishushanyo caco, kandi ntibemeye gushirwa ikimenyetso caco mu ruhanga canke ku kiganza. Baba bazima, bafatanya na Kristo kuganza imyaka igihumbi.