Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 13:10 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

10 Namb’ umuntu yagerewe gufatwa mpiri azofatwa mpiri; namb’ umuntu yicisha inkota akwiye kuzokwicishwa inkota. Aho ni ho ukwihangana kw’abera guserukira bo n’ukwizera kwabo.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

10 “Uwagenewe kujanwa nk’inyagano, azojanwa nk’inyagano. Uwagenewe kwicishwa inkota azokwicwa n’inkota.” Ibi bisigura ko abera b’Imana bategerezwa kwihangana cane bakagumana ukwizera.

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 13:10
29 Referans Kwoze  

Maze ni bakubaza, bati Tuje hehe? ubabarire, ut’ Uku ni k’Uhoraho agize, at’ Abagerewe gupfa, baje mu rupfu; abagerewe inkota baje ku nkota; abagerewe kigoyi baje muri kigoyi; abagerewe gufatwa mpiri bafatwe mpiri.


Aho ni ho ukwihangana kw’abera guserukira, bitondera ivyagezwe n’Imana n’ukwizera Yesu.


Ko witondeye ijambo ryo kwihangana kwanje, nanje nzokurinda igihe co kugerageza, kigira kize mu bihugu vyose, kugerageza ababa mw isi.


Ukwihangana kwanyu ni kwo kuzotuma mukiza ubugingo bganyu.


Uzobona ibara, wewe unyaga kand’ utānyazwe, uryarukana kandi batākuryarutse! Ni waheza kunyaga, nawe uzonyagwa; kandi ni wamara kuryarukana, bazokuryaruka nawe.


kugira ngo ntimube ibinebge, ariko mwīgāne abaheshwa n’ukwizera n’ukwihangana kuragwa ivyasezeranywe.


ngo Ndazi i bikorwa vyawe n’ubutame bgawe n’ukwihangana, kandi yuk’ udashobora kwirengagiza ababi, ariko wagenzuye abiyita intumwa kand’ atari zo, usanga n’abanyabinyoma.


Buno Yesu aramubarira, ati Subiza inkota yawe ahayo; kukw ababanguye inkota bose bazokwicwa n’inkota.


Kand’ azoza atere igihugu ca Egiputa; abagerewe kwicwa bazoja kwicwa, abagerewe umugozi bazoja mu mugozi, abagerewe inkota bazoja ku nkota.


Bavishije amaraso y’abera n’ay’ abavugishijwe nawe, kand’ amaraso nyene ni yo ubahaye ngo banywe: birababereye.


Jewe Yohana, mwene So, musangiye amarushwa n’ubgami n’ukwihangana biri muri Yesu, nari ku kizinga Patimo co mu kiyaga, bampōra ijambo ry’Imana no gushingira intahe Yesu.


Kukw ivyerekanywe bifise igihe vyashingiwe, kandi vyihutira kugishikako, ntibizobesha; naho vyotebagana, ubirorēre, kuko bitazobura kuza, ntibizoteba.


Ni vyiza k’umuntu yizigira, akitega agakiza k’Uhoraho atekereje.


Ni wibuke rero ingene wākiriye kandi wumvise: uvyitondere, wihane. Nuko rero n’utaba maso, nzoza nk’igisuma, nawe ntuzomenya igihe nzokwūbīra.


ngo Ndazi ibikorwa vyawe, n’urukundo rwawe, n’ukwizera kwawe, n’ingen’ ushitsa ibango ryawe, n’ukwihangana kwawe, kandi kw ibikorwa vyawe vyo hanyuma biruta ivya mbere kuba vyinshi.


mushobozwa n’ubushobozi bgose, nk’ukw inkomezi z’ubgiza bgayo ziri, ngo mwihangane rwose, ntimurambirwe, mubigiranye umunezero.


Amahanga azobajana abasubize i wabo, maz’ ab’ inzu ya Isirayeli bazoyatungira mu gihugu c’Uhoraho, yose bayahindure abaja b’abahungu n’abakobga: kand’ abābajana kw inyagano, na bo bazobajana kw inyagano, kandi bazotwara abābahahaza.


Kuko, uko muhinyura abandi, ari ko muzohinyurwa namwe; kand’ ingero mugeramwo muzoyigererwa namwe.


Kuk’ Uhoraho arikw arava i we azanywe no guhanira ababa mw isi ukugabitanya kwabo; ivu rizogaragaza ibitenga vy’amaraso yaviriye kuri ryo, kandi ntirizoba rigitwikiriye abishwe bo muri ryo.


Kand’ amahanga araraka, uburake bgawe buraza, igihe co guciramw’ amateka abapfuye kirashika, n’ico kugereramw’ abasavyi bawe, ni bo bavugishwa nawe, no kugerera abera n’abubaha izina ryawe, aboroshe n’abahambaye, n’ico guhonerezamw’ abahonnya isi.


Igikōko ubonye cariho kandi ntikikiriho, kandi kigira kidūge kive i kuzimu, kije kuranduka. Kand’ ababa kw isi batanditswe amazina yabo mu gitabo c’ubugingo, uhereye ku kuremwa kw’isi, bazotangara babonye ico gikōko yuko cariho kandi kitakiriho, kandi kizoboneka.


Kandi ca gikōko, cariho kandi kitakiriho, ico ubgaco n’ūgira umunani, ariko kandi n’umwe muri ba bandi ndwi, kand’ azoja kuranduka.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite