Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 12:8 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

8 Ntibatsinda, kandi mw ijuru ahabo ntihaba hakiboneka.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

8 Ariko ca gisato kiraneshwa, maze abamarayika baco na co birukanwa mw’ijuru.

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 12:8
18 Referans Kwoze  

Kuko hasigaye igihe gito, umunyakibi ntabeho; Mbere, uzokwitegereza ahiwe, umubure.


Na bo bamuneshesheje amaraso y’Umwagazi w’Intama n’ijambo ryo gushinga intahe kwabo, ntibakunda amagara yabo, ntibanka no gupfa.


Bazokurwanya, ariko ntibazokunesha, kuko nzoba ndi kumwe nawe ngo nkurokore, ni jewe Uhoraho mbivuze.


N’abamarayika batāgumye mu bukuru bgabo, ariko bātaye ahantu habo, ibarindira kuzocirwakw iteka ryo ku musi uhambaye, bari mu minyororo idashira no mu mwiza.


gusubira mu kirenge ca Yuda mur’ iki gikorwa no kuba intumwa, ivyo yataye akaja ahiwe.


Nanje ndakubgira yuk’ uri Petero, kandi kur’ urwo rutare nzorwubakakw ishengero ryanje, kand’ amarembo y’i kuzimu ntazorishobora.


muti Mbega nta n’ukuruha mumutinya? ni k’Uhoraho abajije; muti Nta guhindira agashitsi imbere yiwe, kand’ ari we yashinze umusenyi ng’ ubere ikiyaga akarimbi, ni co cagezwe kizokwamaho, ngo ntikikarēngāne? Mbere nah’ imipfunda yaco yosuriranya, ntiyowutsinda; naho yobomborana, ntiyowurēngāna.


Bāmbabaje kenshi, uhereye mu buto bganje, Ariko ntibānnesheje.


Umwansi wanje yoye kuvuga ngo Ndamunesheje: Abarwanizi banje boye kunyitambishwa hejuru n’uko nsegenyeshejwe.


Ijisho ryahora rimurāba ntirizosubira kumubona ukundi, N’ahantu yaba ngo hongere kumubona.


Ni yarandurwa aho yamye, Hazoca hamwihakana, hati Sinigeze kukubona.


Ntazogaruka mu nzu yiwe ukundi, Kand’ aho yaba ntihazoba hakimwibuka ukundi.


Mw ijuru havyuka intambara. Mikayeli n’abamarayika biwe barwanya ca gisato: igisato kirwanana n’abamarayika baco.


Ca gisato c’amahēro kirakororwa, ni co ya nzoka ya mbere, yitwa Murwanizi, irindi ni Satani, ni co kizimiza abari kw isi bose, gikororerwa kw isi, abamarayika baco bakororanwa na co.


Mbona intebe niniya yera, mbona n’Iyivyagiyeko, isi n’ijuru bihunga mu nyonga hayo, aho vyahora ntihaba hakiboneka.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite