Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 12:5 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

5 Avyara umwana w’umuhungu, ni we azoragiza amahanga inkoni y’icuma. Umwana wiwe arasahurwa, ajanwa ku Mana no ku ntebe yayo.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

5 Uwo mugore aca avyara umwana w’umuhungu, kandi uwo azotwazanya umukazo amahanga. Uwo mwana aca arasahurwa ajanwa mw’ijuru ku Mana, hafi y’intebe y’inganji yayo.

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 12:5
14 Referans Kwoze  

Mu kanwa kiwe havamw’ inkota ikarishe, kugira ngw ayikubite amahanga: azoyaragiza inkoni y’icuma. Kand’ aganishiriza ibirenge mu bgato vino y’uburake bg’inkazi bg’Imana ishobora vyose.


kandi yar’ akuriwe, atura akaborogo, kukw aramutswe, ababazwa n’ibise.


Ni co gitumye Uhoraho ubgiwe ari we agira abīhēre ikimenyamenya: Rāba, inkumi izosama inda, ivyare umwana w’umuhungu, izomwita Imanuweli.


Bumva ijwi rirenga rivuye mw ijuru ribabarira, riti Ni mudūge muze ino. Badūga mu gicu baja mw ijuru abansi babo barorēra.


Kandi ntiyigera amwēgēra gushitsa aho yavyariye umwana w’umuhungu; araheza amwita YESU.


Ni co gituma azobagabura mu bansi, gushitsa ah’ ūramutswe azovyarira: ni ho amasigarira yo mu bavukana na we azogaruka mu Bisirayeli.


Ndazi umuntu wo muri Kristo, yadūganywe akajanwa mw ijuru rya gatatu, ubu hashize imyaka cumi n’ine — namba yari mu mubiri simbizi; canke namb’ atāri mu mubiri simbizi, bizi Imana.


Kand’ Umwami Yesu ahejeje kubibabarira, adūzwa mw ijuru, avyagira i buryo bg’Imana.


Uzogeza ryari kwāngāra irya n’ino, ewe mukobga wasubiye inyuma? Kuk’ Uhoraho yaremye ikintu gisha mw isi, k’umugore azozigama umugabo.


Siyoni hatararamukwa haravyara, ibise bitaraza havyara umwana w’umuhungu.


yadūganywe, akajanwa muri Paradiso, akumva ibitovugwa, ivy’ umuntu atemererwa kuvuga.


Kandi ca gisato, kibonye yuko gikororewe kw isi, gihīga wa mugore yavyaye umuhungu.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite