Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 12:15 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

15 Ico kiyoka gisendanisha amazi nk’uruzi avuye mu kanwa kaco inyuma y’uwo mugore kugira ngo kimutwaze uruzi.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

15 Ca kiyoka kigerageza gusuka uruzi runini ruva mu kanwa kaco kugira ngo wa mugore atwarwe.

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 12:15
12 Referans Kwoze  

Ni ho bazokwubaha izina ry’Uhoraho, uhereye i burengerazuba, n’icubahiro ciwe uhereye iyo rirasira: kukw azoza nk’uruzi rusēnyerana, rukubebga n’impwemu z’Uhoraho.


nuko rero jewe Umwami Imana ngira mbatēze amazi ya rwa ruzi rundi, amazi menshi y’inkomezi, ni yo mwami w’i Ashuri n’icubahiro ciwe cose: azosēsa ku nkombe ziwe zose, adēngēre amasēsero yiwe yose;


Ingoyi z’urupfu zaranyizingiriyeko, Isūri zo kurandura zanteye ubgoba.


Rāba Uhoraho afise umunyenkomezi w’ubushobozi; ni we azobatūra hasi n’inkomezi, nk’akabushungwe k’urubura, nk’ikirura gitikiza, nk’ugusendanisha kw’amazi y’inkomezi ashēshe.


Izibiza kubomborana kw’ibiyaga, kubomborana kw’imipfunda yavyo, N’imivurungano y’amahanga.


Arambgira, ati Ya mazi wabonye, maraya yicarako, ni yo moko n’amakungu y’abantu n’amahanga n’indimi.


Inzoka yarusha ubugunge ibikōko vyose vyo mw ishamba Uhoraho Imana yaremye. Ibaza uwo mugore, iti Mbega n’ivy’ ukuri koko yukw Imana yavuze, ngo Ntimurye ku giti na kimwe co mur’ iri tongo?


Ariko ndiyubara yuko, nk’uko ya nzoka yahendesheje Eva ukwiyorobeka kwayo, kumbure ivyiyumviro vyanyu vyokwoshwa, mugaca mureka ukugororoka n’ukwera mu vya Kristo.


Ca gisato c’amahēro kirakororwa, ni co ya nzoka ya mbere, yitwa Murwanizi, irindi ni Satani, ni co kizimiza abari kw isi bose, gikororerwa kw isi, abamarayika baco bakororanwa na co.


Isi itabara uwo mugore, yasamika akanwa kayo, imira uruzi ca gisato casendanishije.


Afata ca gisato, ni co ya nzoka ya mbere, ni yo Murwanizi irindi ni Satani, akiboha ngo kimare imyaka igihumbi,


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite