Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 12:14 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

14 Umugore ahabga amababa abiri y’inkukuma nini, kugira ngw agurukire mu bugaragwa ahantu hiwe, ah’ agaburirirwa igihe n’ibihe n’igice c’igihe, arindwa ico kiyoka.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

14 Wa mugore aca ahabwa amababa nk’ay’inkona nini kugira ngo agurukire mu kibanza yateguriwe mu bugararwa ngo ahamare imyaka itatu n’igice agaburirirwayo, kure ya ca kiyoka.

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 12:14
10 Referans Kwoze  

uti Mwarabonye ivyo yakoreye Abanyegiputa, n’ingene mweho yabateruye ku mababa nk’ay’ inkukuma akabazana iy’ ari.


arikw abīteze Uhoraho bazokwama biyubura mu nkomezi nsha; bazodūgisha amababa nk’ inkukuma, biruke ntibaruhe, bagende ntibadendebukirwe.


Umugore ahungira mu bugaragwa, ah’ afise ahantu yateguriwe n’Imana, kugira ngo bamugaburirireyo imisi igihumbi n’amajana abiri na mirongwitandatu.


Mbona wa muntu yambaye impuzu zera, yari hejuru y’amazi y’urwo ruzi, amanika ukuboko kw’i buryo n’ukw’ i bumoso, ayatunga mw ijuru; numva arahira Ībaho ibihe bitazoshira, yuko bizomara igihe n’ibihe n’igice c’igihe; kand’ ati Ni bamara guca ubgoko bgera ubunywenywe, ivyo vyose bizoba bishize.


Īsumba vyose azoyivugakw amajambo y’agatītūro, kand’ azocobogoza abera b’Īsumba vyose. Azoja imigabo yo guhindura ibihe n’ivyagezwe; kandi bazorekerwa mu maboko yiwe kugeza ah’ igihe n’ibihe n’igice c’igihe bizoshirira.


Ndavuga, nt’ Icompa nkagira amababa nk’inuma! Mba ngurutse, nkaruhuka.


Anjana mu bugaragwa ndi muri Mpwemu. Mbona umugore yicaye ku gikōko gisa n’agahama, cuzuye amazina y’amarogotano, gifise imitwe ndwi n’amahembe cumi.


Aranyishura, ati Buzokwira buce imisi ibihumbi bibiri n’amajana atatu; ni ho ahantu hēra hazobona guhumanuka.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite