Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 12:11 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

11 Na bo bamuneshesheje amaraso y’Umwagazi w’Intama n’ijambo ryo gushinga intahe kwabo, ntibakunda amagara yabo, ntibanka no gupfa.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

11 Bamuneshesheje amaraso y’Umwagazi hamwe n’ijambo ryo gushinga intahe. Bemeye guheba ubuzima bwabo, ntibatinya urupfu.

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 12:11
33 Referans Kwoze  

Ivyo mbibabgiye, kugira ngo mugire amahoro muri jewe. Mw isi muri n’amarushwa, ariko ni muhūmure, jewe naranesheje isi.


Ni nde atsinda isi, atar’ uwizera yuko Yesu ar’ Umwana w’Imana?


Arikw Imana ishimwe, iduha gutsinda kubg’ Umwami wacu Yesu Kristo.


Ūnesha akitondera ibikorwa vyanje agashitsa kw iherezo, nzomuha ububasha bgo kuganza amahanga:


Imana Nyen’ amahoro izofyonyorera Satani vuba musi y’ibirenge vyanyu. Ubuntu bg’Umwami wacu Yesu Kristo bubane namwe.


Ariko simbabaye ubugingo bganje nk’ah’ ar’ubg’ igiciro, kugira ngo ndangize urugendo rwanje, n’igikorwa nahawe n’Umwami Yesu, co gushingira intahe ubutumwa bgiza bg’ubuntu bg’Imana.


Mweho mur’ abava ku Mana, bana bato, kandi ba bandi mwarabanesheje: kuk’ Ūri muri mwebge aruta ūri mu b’isi.


Ūnesha azokwambikwa artyo impuzu zera, kandi sinzosibanganya izina ryiwe mu gitabo c’ubugingo na mba, kandi nzokwatura izina ryiwe imbere ya Data, n’imbere y’abamarayika biwe.


Ūnesha, nzomuha kwicarana nanje ku ntebe yanje y’ubgami, nk’uko nanje nanesheje nkicarana na Data ku ntebe yiwe.


Ūnesha nzomugira inkingi yo mu rusengero rw’Imana yanje, kandi ntazosohoka ukundi, nanje nzomwandikakw izina ry’Imana yanje, n’iry’ umurwa w’Imana yanje, ni wo Yerusalemu musha, wururuka uvuye mw ijuru ku Mana yanje, kandi nzomwandikakw izina ryanje risha.


Ūri n’ugutwi ni yumve ico Mpwemu abgira amashengero. Ūnesha, nzomuha kurya ku vyamye ku giti c’ubugingo kiri muri Paradiso y’Imana.


Mbona intebe z’ubgami, mbona abicara kuri zo, bahabga ubucamanza. Kandi mbona ubugingo bg’abaciwe amazosi, babahōra gushingira intahe Yesu, n’ijambo ry’Imana, ni bo batāsenze ca gikōko cank’ igishushanyo caco, kandi ntibemeye gushirwa ikimenyetso caco mu ruhanga canke ku kiganza. Baba bazima, bafatanya na Kristo kuganza imyaka igihumbi.


at’ Umuntu ni yaza kuri jewe, ntiyanke se, na nyina, n’umugore wiwe, n’abana biwe, na bene nyina, na bashiki biwe, mbere n’amagara yiwe na yo, ntashobora kuba umwigishwa wanje.


Kandi ni baheza gushinga intahe, igikōko kizodūga kivuye i kuzimu, kizobarwanya, kibaneshe, kibice.


yashingiye intahe ivyo yabonye vyose, ni vyo jambo ry’Imana, no gushinga intahe kwa Yesu Kristo.


Maze Paulo aratubaza, ati Mukora ibiki, kurira mundandura umutima? Siniteguye kuboherwa gusa i Yerusalemu, ariko no gupfirayo, kubg’ izina ry’Umwami Yesu.


Nikubitishwa hasi imbere y’ibirenge vyiwe no kumusenga. Arambarira, at’ Oya sigaho; nd’umugurano mugenzawe, kandi ndi mugenzi wa bene So bafise ivyo gushingira intahe Yesu: Imana ba ari yo usenga. Kukw abashingira intahe Yesu baba bavugishwa na Mpwemu.


Kand’ amennye ica gatanu kimatanije ico gitabo, mbona musi y’igicaniro impwemu z’abishwe babahōra ijambo ry’Imana no gushinga intahe bari bafise.


Ūri n’ugutwi ni yumve ico Mpwemu abgira amashengero. Ūnesha nzomuha kuri manu yanyegejwe, kandi nzomuha ibuye ryera, kur’ iryo buye handitswekw izina risha, nta muntu arizi, atar’ ūzorihabga.


ngo Ndazi ah’ uba, kw ari ho umurwa wa Satani uri; kandi wumiye kw izina ryanje, ntiwihakanye kunyizera no mu misi ya Antipa, icabona canje, n’umugororotsi wanje, yiciwe i wanyu, aho Satani aba.


Jewe Yohana, mwene So, musangiye amarushwa n’ubgami n’ukwihangana biri muri Yesu, nari ku kizinga Patimo co mu kiyaga, bampōra ijambo ry’Imana no gushingira intahe Yesu.


Ico gisato kigirira wa mugore inzigo, kirīgīra ngo kirwanye abo mu ruvyaro rwiwe basigaye, bitondera ivyagezwe n’Imana kandi bafise ibishingira Yesu intahe.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite