Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 12:1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Ikimenyetso gihambaye kiboneka mw ijuru: umugore yambaye izuba, ukwezi kwari musi y’ibirenge vyiwe, mu mutwe yambaye igitsibo c’inyenyeri cumi na zibiri:

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

1 Maze haboneka ikimenyetso gihambaye mw’ijuru, c’umugore yambaye izuba, ukwezi kuri musi y’ibirenge vyiwe, afise n’urugori rw’inyenyeri cumi na zibiri ku mutwe.

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 12:1
35 Referans Kwoze  

Kandi hazoba ibimenyetso ku zuba no ku kwezi no ku nyenyeri, kandi no mw isi hazoba imibabaro mu mahanga, bazotegekanishwa n’ukubomborana kw’ikiyaga n’imipfunda;


Iryo banga rirahambaye, ariko mbivuze kuri Kristo n’ishengero.


Kand’ uzoba igitsibo c’ubgiza mu kuboko kw’Uhoraho, n’umugāra w’ ubgami mu kuboko kw’Imana yawe.


n’inyenyeri zizoba ziriko zirakoragurika ziva kw ijuru, n’ivy’ inkomezi vyo mu majuru bizonyiganyizwa.


Uyu ni nde arunguruka ameze nk’umutwenzi utambitse, Ni mwiza nk’ukwezi, Akayangana nk’izuba, Ateye ubgoba nk’igitero c’ ingabo zigendana amabendera?


Kand’ isi izonyiganyiga cane henshi, kandi hamwe‐hamwe hazotera amapfa, hatere n’ikīza, habeho n’ibiteye ubgoba n’ibimenyetso bihambaye biva mw ijuru.


Wifubika umuco nk’umwambaro; Ugaranzura ijuru nk’ihema.


Kuk’ Uhoraho Imana ar’ izuba, ar’ inkinzo; Uhoraho azotanga ubuntu n’ icubahiro: Ntazogira iciza na kimwe yima abagenda batunganye.


Ariko ku vy’intumwa abaganwa b’i Babuloni bamutumyeko, ngo bamubaze igitangaza cabayeho mu gihugu ciwe, Imana iramureka ngw imugerageze, kugira ngw imenye ivyari mu mutima wiwe vyose.


Kandi wa murwa nturinda kwākirwa n’izuba canke n’ukwezi, kuk’ ubgiza bg’Imana ari bgo buwākira, kandi wa Mwagazi ari we tara ryawo.


Mbona ikindi kimenyetso mw ijuru gihambaye, gitangaza, abamarayika ndwi bafise ivyago ndwi, ni vyo vy’iherezo, kuko mur’ ivyo ari ho uburake bg’Imana buheraherezwa.


Mw ijuru haboneka ikindi kimenyetso, igisato c’amahēro gisa n’ikibengebenge, gifise imitwe ndwi n’amahembe cumi, no mu mitwe yaco cambaye imigāra ndwi.


Urusengero rw’Imana rwo mw ijuru rurugururwa, mu rusengero rwayo habonekamw’ isandugu y’isezerano ryayo, hakurikira imiravyo n’amajwi n’imituragaro no gutigita kw’isi n’urubura ruhambaye.


Nzoshira utwumiza hejuru mw ijuru, N’ibimenyetso hasi kw isi, Amaraso n’umuriro no gupfūndūka kw’umwotsi.


Bun’ ikimenyetso c’Umwana w’umuntu kizobonekera kw ijuru, ni ho amoko yose yo mw isi azoboroga, bazobona Umwana w’umuntu aje mu bicu vyo kw ijuru ari n’ububasha n’ubgiza bginshi.


Maz’ uwo musi Uhoraho Imana yabo azobakiza nk’umukuku, ni wo bantu biwe; kuko bazoba nk’utubuyenge two ku gitsibo, dukayanganira hejuru y’igihugu ciwe.


Nzonezererwa cane Uhoraho, umutima wanje uvugirize impundu Imana yanje; kuko yanyambitse imyambaro y’agakiza, akansēsa hejuru umutamana w’ubugororotsi, nk’uk’ umukwe ashazisha igitsibo, kandi nk’uk’ umugeni ashazisha utugenegene twiwe.


Ariko mweho abubaha izina ryanje izuba ry’ubugororotsi rizobarasira, rifise ugukiza mu mababa yaryo. Maze muzosohoka mukina amatavu nk’inyana zivuye mu ruhongore.


Ariko jeho sinkirate ikindi, atar’ umusaraba w’Umwami wacu Yesu Kristo, watumye isi imbera ikibambge, nanje isi nkayibera ikibambge.


Abafarisayo n’abanyabgenge b’ivyanditswe bamwe baramubgira, bati Mwigisha, turagomba kurāba ikimenyetso ukora.


Urugo ruziguje uwo murwa rufise amatanguriro cumi n’abiri, yanditswekw amazina cumi n’abiri y’intumwa cumi na zibiri za wa Mwagazi.


ibanga ry’inyenyeri ndwi izo umbonanye mu kuboko kwanje kw’i buryo, n’ivy’ ibiterekwakw amatara ndwi vy’izahabu. Inyenyeri ndwi ni zo bamarayika b’ayo mashengero ndwi, ibiterekwakw amatara ndwi na vyo ni vyo mashengero ndwi.


kuko mwese ababatirijwe kuba aba Kristo mwanbaye Kristo.


Mbafuhira ifuhe ryo kubg’ Imana, kuko nabahaye umugabo umwe, ni we Kristo, ngo ndabamushingire mumeze nk’inkumi itunganye.


n’ukugororoka kuva ku Mana, kuzanwa no kwizera Yesu Kristo, kugira ngw abizeye bose baguhabge. Kukw ata tandukaniro;


Ūhawe umugeni ni we mukwe, arik’ umugenzi w’uno mukwe amuhagaraye i ruhande amwumva, anezerwa cane n’ijwi ry’umukwe; nukw ako kanyamuneza kanje karashitse.


Ariko mwambare Umwami Yesu Kristo, kandi ntimubabare ivy’ umubiri, ngo mukore ivyo wifuza.


Ariko Yerusalemu wo hejuru ni wo mugore bgite, ni wo mama wa twese.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite