Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 11:9 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

9 Kand’ abo mu moko n’imiryango n’indimi n’amahanga bazorāba imivyimba yabo imisi itatu n’igihimba, ntibazokunda kw iyo mivyimba ihambga.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

9 Kumara imisi itatu n’igice, abantu bo mu mahanga yose, mu moko yose no mu ndimi zose bazokwihweza imivyimba yabo kandi nta n’umwe bazokwemerera kubahamba.

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 11:9
14 Referans Kwoze  

Arambgira, ati Ya mazi wabonye, maraya yicarako, ni yo moko n’amakungu y’abantu n’amahanga n’indimi.


Iyo misi itatu n’igihimba ishize impwemu z’ubugingo zivuye ku Mana zibinjiramwo, baravyuka, barahagarara: ubgoba bginshi butera ababarāba.


Barambarira, bat’ Ukwiye kuzosubira kuvugishwa ivy’ amoko menshi n’amahanga menshi n’indimi nyinshi n’abami benshi.


Gihabga kurwanya abera no kubanesha, kandi gihabga gutwara imiryango yose n’amoko yose n’indimi zose n’amahanga yose.


Umuntu naho yovyara abana ijana, akaramba imyaka myinshi, imisi y’imyaka yiwe ikaba myinshi, yamar’ umutima wiwe ntuhāzwe n’ivyiza, bitayeko ntahambge: kubganje arutwa n’inda yakorotse,


Amaze kwābīra ico gitabo, vya binyabugingo bine na ba bakuru mirongwibiri na bane baca bikubita imbere y’uwo Mwagazi, bafise inanga bose, n’inzavya z’izahabu zuzuye imibavu, ni yo gusenga kw’abera.


Kuko, uko muhinyura abandi, ari ko muzohinyurwa namwe; kand’ ingero mugeramwo muzoyigererwa namwe.


Kand’ imivyimba y’ubu bgoko izoba inyama z’ibisīga vyo mu kirēre, n’iz’ ibikōko vyo kw isi, ata wo kuvyirukana ariho.


Uzobona ibara, wewe unyaga kand’ utānyazwe, uryarukana kandi batākuryarutse! Ni waheza kunyaga, nawe uzonyagwa; kandi ni wamara kuryarukana, bazokuryaruka nawe.


ariko ng’ Ukagaruka, ukarya ivyo kurya ukanywera n’amazi ahantu yakubujije, ngo Ntuz’ ugire ico urya cank’ ico unywa; ngo Nuko rero, umuvyimba wawe ntuzoruha ushika mu mva ya ba sogokuruza.


Baririmba indirimbo nsha, bati Birakubereye kwābīra igitabo, no kumena ibikimatanije, kuko wishwe, ugacungurira Imana abo mu miryango yose no mu ndimi zose no mu moko yose no mu mahanga yose, ubacunguje amaraso yawe,


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite