Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 11:7 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

7 Kandi ni baheza gushinga intahe, igikōko kizodūga kivuye i kuzimu, kizobarwanya, kibaneshe, kibice.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

7 Baheje gushinga intahe, ca gikoko c’i kuzimu kizobatera, kibaneshe, hanyuma kibice.

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 11:7
20 Referans Kwoze  

Gihabga kurwanya abera no kubanesha, kandi gihabga gutwara imiryango yose n’amoko yose n’indimi zose n’amahanga yose.


Īsumba vyose azoyivugakw amajambo y’agatītūro, kand’ azocobogoza abera b’Īsumba vyose. Azoja imigabo yo guhindura ibihe n’ivyagezwe; kandi bazorekerwa mu maboko yiwe kugeza ah’ igihe n’ibihe n’igice c’igihe bizoshirira.


Nagushimagije mw isi, nnonosoye igikorwa wampaye gukora.


Arababarira, ati Genda mubgire iyo mbgebge, mut’ Umve, arasenda abadayimoni, arakiza abantu uyu musi n’ejo, ku musi ugira gatatu azotunganywa rwose.


Kandi mbona ikindi gikōko gisokorotse mw isi: gifise amahembe abiri nk’ay’ umwagazi w’intama, kivuga nk’igisato.


Kand’ abanshingira intahe babiri nzobavugisha, bazovugishwa imisi igihumbi n’amajana abiri na mirongwitandatu bambaye amagunira.


Ariko simbabaye ubugingo bganje nk’ah’ ar’ubg’ igiciro, kugira ngo ndangize urugendo rwanje, n’igikorwa nahawe n’Umwami Yesu, co gushingira intahe ubutumwa bgiza bg’ubuntu bg’Imana.


narwanye intambara nziza, narangije urugendo, nazigamye ukwizera.


Yesu amaze kuyihabga, aravuga, ati Birarangiye. Araheza ajondamika umutwe, umutima uraca.


Baramwinginga ngo ntababarire kuja i kuzimu.


Ico gisato kigirira wa mugore inzigo, kirīgīra ngo kirwanye abo mu ruvyaro rwiwe basigaye, bitondera ivyagezwe n’Imana kandi bafise ibishingira Yesu intahe.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite