Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 11:6 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

6 Abo bafise ubushobozi bgo gukinga ijuru, ngw imvura ntikoroke mu misi yo kuvugishwa kwabo: kandi bafise ubushobozi ku mazi kuyahindura amaraso no kubabarisha isi icago cose, uko bagomvye.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

6 Bafise ububasha bwo kwugara ikirere kugira ngo imvura ntigwe, igihe cose bazoba bariko baravugishwa; kandi bafise ububasha bwo guhindura amazi amaraso no guteza isi ivyago igihe cose uko babigomvye.

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 11:6
11 Referans Kwoze  

Ariko ndababgire ukuri, Hārih’ abapfakazi benshi mu Bisirayeli mu gihe ca Eliya, hamwe ijuru ryakingwa, imvura igatara imyaka itatu n’amezi atandatu, ikigoyi cinshi kigatera mu gihugu cose;


Bukeye Eliya w’i Tishubi, umwe mu bāgerereye i Gileyadi, aragenda abarira Ahabu, ati Ndahiye uguhoraho kw’Uhoraho, Imana y’Abisirayeli, ari we nyene nsavye, yukw ata kime kizotonda cank’ imvura ngw ikoroke mur’ iyi myaka, atari jewe mbivuze.


Eka turapfuye! Ni nde yodukiza akadukūra mu maboko y’izo mana zihambaye? Izo ni za mana zāzaniye Abanyegiputa ivyago bitari bimwe mu bugaragwa.


Umumarayika wa kabiri aravuza. Ikimeze nk’igisozi kinini caka umuriro gishiburirwa mu kiyaga; ikigira gatatu c’ikiyaga gihinduka amaraso;


Kand’ abanshingira intahe babiri nzobavugisha, bazovugishwa imisi igihumbi n’amajana abiri na mirongwitandatu bambaye amagunira.


Uwa kabiri asuka urwavya rwiwe mu kiyaga, gicika amaraso nk’ay’ ūpfuye: ikintu cose co mu kiyaga kiri n’ubugingo kirapfa.


Uwa gatatu asuka urwavya rwiwe mu nzūzi no mu masōko, bicika amaraso.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite