Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 11:5 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

5 Kand’ iy’ umuntu agomvye kubagirira nabi umuriro ubava mu kanwa, ugaturira abansi babo: kand’ umuntu ni yagomba kubagirira nabi uko ni kw akwiye kwicwa.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

5 Nihagira uwugerageza kubakorera ikibi, umuriro uzova mu kanwa kabo uturire abansi babo. Uko ni ko uwuzogerageza kubakorera ikibi azopfa.

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 11:5
13 Referans Kwoze  

Nuko rero, uku ni k’Uhoraho agize, ni we Mana Nyen’ ingabo, ati Ko bavuga ben’ ayo magambo, ehe ngira mpindure amajambo yanje umuriro mu kanwa kawe, ubu bgoko na bgo ndabuhindure inkwi, ubatongore.


Ni co gituma nzobatemagurisha abavugishwa nanje; nzobicisha amajambo yo mu kanwa kanje; kand’ imanza mbaciriye zizokwira hose nk’umuco.


arikw azocira aboro imanza zibereye, kand’ azoshinga urw’ abaciye bugufi bo mw isi mu kuri: azokubitisha isi inkoni ivuye mu kanwa kiwe, kand’ abanyakibi azobīcisha impwemu ziva mu minwa yiwe.


Kuk’ ukw ari k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, ni we yantumye kumuhesha icubahiro mu mahanga yabanyaze; at’ Ūbakorako aba akoze ku mbone y’ijisho ryiwe.


Rāba uyu musi ngushizeho kugira ubushobozi ku mahanga no ku bihugu vy’abami, bgo kurandura no gusangangura, guhonnya no gukomvomvora, bo n’ukwubaka no guteragira.


Umwotsi upfunduka mu mazuru yayo, Umuriro uva mu kanwa kayo, urayigiza, Amakara afatishwa na wo.


Arikw amajambo yanje n’ivyagezwe vyanje nageze abasavyi banje navugisha, mbega ntivyashitse kuri ba sogokuruza? Maze bīsubiramwo, baravuga, bati Nk’uk’ Uhoraho Nyen’ ingabo yagabiye kw azotugirira, ngw atwishure ibihwanye n’ingeso zacu n’ivyo twakoze, ni ko yadukoreye.


Ivyo neretswe vyari bimeze nk’ivyo neretswe igihe nazanwa no guhonnya igisagara; ivyo neretswe vyari bimeze nk’ivyo nerekewe ku ruzi Kebari; maze nikubita hasi nubamye.


Kandi nerekwa ntya amafarasi n’abari bayicayeko. Bari bambaye ivyuma bikīngira ibikiriza, bisa n’ikibengebenge n’agafyiri n’amazuku: imitwe y’ayo mafarasi yari nk’iy’ intambge, mu kanwa kayo havamw’ umuriro n’umwotsi n’amazuku.


Kandi gikora ibimenyetso bihambaye, kimanura umuriro uva mw ijuru utibukira kw isi mu maso y’abantu.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite