Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 11:4 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 Abo ni bo biti vy’imyelayo bibiri n’ibiterekwakw amatara bibiri, bihagaze imbere ya Nyen’ isi.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

4 Ivyo vyabona bibiri ni vyo biti bibiri vya elayo na vya biterekwako amatara bibiri bihagaze imbere y’Umwami Imana nyene isi yose.

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 11:4
14 Referans Kwoze  

Jewe Uhoraho nari nakwise igiti ca elayo kiremvye giteye igomwe, kirikw imyelayo myiza: noneho naragituriye, har’ urwamo rw’ akarūru kenshi, kand’ amashami yaco arahimbaguritse.


Ariko jeho mmeze nk’igiti ca elayo kiremvye co mu rugo rw’Imana: Nizigira imbabazi z’Imana kugeza ibihe bitazoshira.


Kuko jewe Umuremyi wawe ari jewe mugabo wawe; Uhoraho Nyen’ ingabo ni ryo zina ryanje; Uwera w’Abisirayeli ni jewe Mucunguzi wawe; nzokwitwa Imana y’isi yose.


ibanga ry’inyenyeri ndwi izo umbonanye mu kuboko kwanje kw’i buryo, n’ivy’ ibiterekwakw amatara ndwi vy’izahabu. Inyenyeri ndwi ni zo bamarayika b’ayo mashengero ndwi, ibiterekwakw amatara ndwi na vyo ni vyo mashengero ndwi.


Ariko namb’ amashami amwe yarahanyuwe, nawe ur’ ikija ca elayo watewe nk’ingurukizi hagati mu mashami, usangira na yo ubukame bg’igishitsi ca elayo bgite,


Nta wodomeka itara ngw arishire mu mwobo, canke ngw aryubikekw igisimbo, arikw arishira ku gitereko caryo, ngw abinjira basange habona.


Kur’ uwo musi ngw azorobanura igihugu c’i Gosheni, ah’ abantu biwe baba, ayo masinzi y’ibibugu ngo ntabeyo; kugira ng’umenye yukw ar’ Uhoraho ari hagati mur’ iki gihugu.


Va hasi uhūre, ewe mukobga w’i Siyoni! Kukw ihembe ryawe nzorihindura icuma, n’inzāra zo ku binono vyawe nzozihindura imiringa; kand’ uzojonjanga amahanga menshi; iminyago wabanyaze uzoyigira inyegu y’Uhoraho, n’ibintu vyabo ubigire inyegu ya Nyen’ isi yose.


Bukeye Eliya w’i Tishubi, umwe mu bāgerereye i Gileyadi, aragenda abarira Ahabu, ati Ndahiye uguhoraho kw’Uhoraho, Imana y’Abisirayeli, ari we nyene nsavye, yukw ata kime kizotonda cank’ imvura ngw ikoroke mur’ iyi myaka, atari jewe mbivuze.


Mur’ ico gihe Uhoraho arobanura umuryango w’Abalewi kugira ngo barerure ya sandugu y’ isezerano ryiwe, kandi ngo bahagarare imbere yiwe bamuhereze, bahezagire n’abantu mw izina ryiwe, nk’uko biri na bugingo n’ ubu.


Mwame mugavye, musenge mu bihe vyose, kugira ngo muze mushobore guhunga ivyo vyose bigira bibeho, ngo muhagarare imbere y’Umwana w’umuntu.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite