Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 11:17 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

17 bati Turagushimye, Mwami Mana ushobora vyose, uriho kandi wamyeho, kuko wābiriye ububasha bgawe buhambaye, ukima.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

17 bavuga bati: “Turaguhaye icubahiro, Mwami Imana Mushoboravyose, wewe uriho kandi wamyeho, kuko wakiriye ububasha bwawe bukomeye, ugashiraho inganji yawe.

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 11:17
27 Referans Kwoze  

Jewe ndi Alufa na Omega, ni k’Umwami Imana igize, iriho, kandi yamyeho, kand’ igira ize, ni yo ishobora vyose.


Numva umumarayika w’amazi avuga, at’ Uragororotse, uriho kandi wamyeho, Uwera, kuk’ uciye iryo teka.


Numva ikimeze nk’ijwi ry’ishengero rinini, n’ikimeze nk’ugusūma kw’amazi menshi, n’ikimeze nk’ijwi ry’imituragaro ihambaye, kivuga, kiti Haleluya, kuk’ Umwami Imana yacu ishobora vyose ihangamye.


Jewe Yohana ndabandikiye mwebge abo mu mashengero ndwi yo muri Asiya. Ubuntu bube muri mwebge n’amahoro biva kur’ Iyo, iriho, kandi yamyeho, kand’ igira ize, biva no ku Mpwemu ndwi zir’ imbere y’intebe yayo,


Mbona ijuru ryuguruye, kandi mbona ifarasi y’igitare, ūyivyagiyeko yitwa Mwizigirwa, irindi ni Munyakuri. Aca amateka akarwana intambara mu bugororotsi.


Numva igicaniro kivuga, kit’ Ego me Mwami Mana ushobora vyose, amateka yawe n’ay’ ukuri n’ukugororoka.


Uhoraho, ni wishire hejuru mu nkomezi zawe: Ni ho tuzoririmba dushima ububasha bgawe.


kukw izo ar’ impwemu z’abadayimoni, zikora ibimenyetso, zija ku bami bo mw isi yose, ngo zibakoranirize ku ntambara yo ku musi uhambaye w’Imana ishobora vyose.


Baririmba indirimbo ya Mose umusavyi w’Imana, n’indirimbo ya wa Mwagazi, bat’ Ibikorwa vyawe birahambaye kandi biratangaza, Mwami Mana ushobora vyose; inzira zawe n’iz’ ukugororoka n’ukuri, Mukama w’amahanga.


Umumarayika w’indwi avuza inzamba: mw ijuru hakurikira amajwi arenga, at’ Ubgami bg’isi buhindutse ubg’ Umwami wacu n’ubga Kristo wiwe, kand’ azohora ahangamye ibihe bitazoshira.


Ndashimira Kristo Yesu Umwami wacu yabinshoboje, kuko yanyiyumviriye ko nd’uwo kwizigirwa, akampa ubusuku:


Uwo mwanya anezererwa cane muri Mpwemu Yera, aravuga, ati Ndaguhimbaza Data, Mwami w’ijuru n’isi, kukw ivyo wabihishije abanyabgenge n’abahanga, ukabihishurira inzoya. Ego me Data, kuko washimye ko biba birtyo imbere yawe.


Mur’ ico gihe Yesu aravuga, ati Ndaguhimbaza, Data, Mwami w’ijuru n’isi, kukw ivyo wabihishije abanyabgenge n’abahanga, ukabihishurira inzoya.


Mana, n’ushirwe hejuru y’ amajuru, Icubahiro cawe kibe hejuru y’isi yose.


Aburamu amaze imyaka mirongwicenda n’icenda, Uhoraho aramubonekera, aramubarira, ati Ni jewe Mana Ishobora vyose; uhore ugendera imbere yanje, kand’ utungane rwose.


Imana ishimirwe ingabire yayo nziza itovugwa.


Maze Daniyeli amenye kw ico candiko casinyweko, aja i we; kand’ amadirisha y’inzu yiwe yerekeye i Yerusalemu yama yuguruye; akomeza gupfukama gatatu‐gatatu ku musi, asenga Imana yiwe ayikengurukira, nk’uko yar’ asanzwe abigenza.


Uhoraho akumye impuzu ku kuboko kwiwe kwera mu maso y’amahanga yose, kand’ impera z’isi zose zizobona agakiza k’Imana yacu.


Arikw Imana ishimwe, yama itujana nk’abafashwe mpiri muri Kristo, idutera kwerekana ubumote bgo kumumenyekanisha ahantu hose.


Nuko bakūrah’ ikibuye. Buno Yesu ararangamiza, ati Data, ndagushima ko wanyumvirije.


Ndagukengurukiye, ndaguhimbaza, wewe Mana ya ba sogokuruza, umpaye ubgenge n’ubushobozi, ummenyesheje ivyo twagusavye: kuk’ utumenyesheje ivyo umwami agomba.


ni co gituma ivyago vyiwe vyose bizoza ku musi umwe, urupfu n’amaborogo n’amapfa, kand’ azotongozwa umuriro: kuk’ Umwami Imana amuciriyekw iteka ar’ uw’ ubushobozi.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite