Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 11:16 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

16 Ba bakuru mirongwibiri na bane, bicara ku ntebe zabo imbere y’Imana, bikubita hasi bubamye, basenga Imana,

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

16 Ba bashingantahe mirongo ibiri na bane bicaye ku ntebe zabo imbere y’Imana baca bikubita hasi bubamye, bahimbaza Imana,

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 11:16
7 Referans Kwoze  

Iyo ntebe yar’ ikikijwe n’izindi ntebe mirongwibiri na zine: kur’ izo ntebe mbona abakuru mirongwibiri na bane bazicayeko, bambaye impuzu zera, no mu mitwe yabo har’ ibitsibo vy’izahabu.


ba bakuru mirongwibiri na bane baca bikubita imbere y’Īvyagiye kur’ iyo ntebe, bagasenga Ībaho ibihe bitazoshira, bagaterera ibitsibo vyabo imbere y’iyo ntebe, bavuga,


Abamarayika bose bari bahagaze bakikije ino ntebe, bakikije na ba bakuru na vya binyabugingo, bikubita hasi bubamye imbere y’intebe, basenga Imana,


Ba bakuru mirongwibiri na bane na vya binyabugingo bine vyikubita hasi, bisenga Imana ivyagira kuri ya ntebe, biti Amen; Haleluya.


Kandi vya binyabugingo bine biravuga, biti Amen. Bano bakuru bikubita hasi, barasenga.


Yesu arababgira, ati Ndababgira ukuri yuko mwebge abankurikiye, ah’ Umwana w’umuntu azovyagirira ku ntebe y’ubgiza bgiwe, igihe co kuvyarwa ukundi gusha, namwe muzokwicara ku ntebe cumi na zibiri, mucire imanza imiryango cumi n’ibiri y’Abisirayeli.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite