Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 11:12 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

12 Bumva ijwi rirenga rivuye mw ijuru ribabarira, riti Ni mudūge muze ino. Badūga mu gicu baja mw ijuru abansi babo barorēra.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

12 Hanyuma humvikana ijwi rirenga rivuye mw’ijuru, rivuga riti: “Nimuduge muze hano!” Nuko baduga mu gicu baja mw’ijuru abansi babo babaraba.

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 11:12
21 Referans Kwoze  

Hanyuma y’ivyo ndāvye mbona mw ijuru urugi rwuguruye, kandi rya jwi nabanje kwumva rivugana nanje ari nk’iry’ inzamba, rirambgira, riti Dūga uze hano, nkwereke ibikwiye kuzobaho hanyuma y’ivyo.


Amaze kuvuga artyo, adūzwa babona, igicu kimukūra mu maso yabo.


Hanyuma bakiriko baragenda bayāga, bagize bartya, umukogote w’umuriro n’amafarasi y’umuriro birabatandukanya; Eliya adūganwa mw ijuru n’agashururu.


maze natwe abazoba bakiriho, dusigaye, tuzoca duteruranwa na bo mu bicu, dusanganirire Umwami mu kirēre. Ni ho tuzokwama tubana n’Umwami.


Avyara umwana w’umuhungu, ni we azoragiza amahanga inkoni y’icuma. Umwana wiwe arasahurwa, ajanwa ku Mana no ku ntebe yayo.


Ūnesha, nzomuha kwicarana nanje ku ntebe yanje y’ubgami, nk’uko nanje nanesheje nkicarana na Data ku ntebe yiwe.


Ar’i kuzimu, ararangamiza, ababazwa cane, abona Aburahamu ari kure, na Lazaro ari mu gikiriza ciwe.


Aba ni ba nde baguruka nk’igicu, kandi nk’ inuma zisubira mu turyango tw’ ivyari vyazo?


arikw abīteze Uhoraho bazokwama biyubura mu nkomezi nsha; bazodūgisha amababa nk’ inkukuma, biruke ntibaruhe, bagende ntibadendebukirwe.


Bashitseyo, abīgishirizwa i Yeriko ivy’ ukuvugishwa baza kuri Elisa baramubaza, bati Harya urazi yuk’ uyu musi Uhoraho agiye kukwaka shobuja? Arabishura, at’ Ego me ndabizi, ariko ni mupfe gucereza.


Igihe Uhoraho yagomba kujana Eliya mu gashururu ngw amudūgane mw ijuru, Eliya na Elisa bāri mu nzira bava i Gilugali.


Aho ni ho muzosubira kumenya yuko har’ itandukaniro ry’umugororotsi n’umunyakibi, ry’ūkorera Imana n’ūtayikorera.


Wari warībariye mu mutima, uti Nzodūga nje mw ijuru, nkuze ingoma yanje isumbe inyenyeri z’Imana; uti Nzovyagira ku musozi w’ikoraniro mu ruhande rw’ impera y’i burārūko;


Umunyakibi azobirāba, ababare; Azoryanya insya z’amenyo, ahwere mu kajisho: Ico umunyakibi yifuza kizobura.


Unyereke ikimenyetso c’ivyiza, Kugira ngw abanyanka bakirābe bamāramāre; Kuko wewe Uhoraho, untabaye, ukammara umubabaro.


Ni nde azodūga umusozi w’ Uhoraho? Ni nde azohagarara ahēra hiwe?


Uhoraho, ni nde azosembera mw ihema ryawe? Ni nde azogerēra ku musozi wawe wera?


Maz’ abantu mirongwitanu mu biga ivy’ ukuvugishwa baragenda bahagarara kure aharābana na bo, abo bompi bagihagaze kuri Yorodani.


Atuma amagurudumu y’ imikogote yabo afata, ntiyaba igikwegeka neza. Maz’ Abanyegiputa baravugana, bat’ Enda duhunge, tureke Abisirayeli, kuk’ Uhoraho abatabara, ari we aturwanya.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite