Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 11:10 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

10 Abari mw isi bazonezerwa, bazobītamba ku muvyimba, barungikiranire amashimwe, kukw abo bavugishwa n’Imana bātoneka abari mw isi.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

10 Abazoba baba kw’isi bose bazonezerezwa n’urupfu rwabo, bagire imisi mikuru. Bazohana utuganuke bigina urupfu rw’abo bavugishwa bahora batera ivyago ababa kw’isi.

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 11:10
29 Referans Kwoze  

Maze Ahabu abonye Eliya, aramubarira, ati Mbega ni wewe nyene, n’ukuntu wateje amagorwa Abisirayeli?


Ko witondeye ijambo ryo kwihangana kwanje, nanje nzokurinda igihe co kugerageza, kigira kize mu bihugu vyose, kugerageza ababa mw isi.


Ariko bo bavyumvise baribga mu mitima, bashaka kubica.


Ab’ isi ntibabanka, ariko jewe baranyanka, kuko mbavugira ibikorwa vyabo kw ari bibi.


Muzoba mwanswe na bose babahōra izina ryanje; arik’ uwihangana agashitsa iherezo ni we azokira.


Ewe mwansi wanje, nta co unyitamba hejuru! Ni natemba nzovyuka, ni nicara mu mwiza Uhoraho azombera umuco.


Umwami w’Abisirayeli yishura Yehoshafati, ati Haracasigaye umuntu umwe twoshobora kubaza, akadusiguriza Uhoraho; yitwa Mikaya mwene Imula; ariko ndamwanka, kukw ata ho avugishwa ivyiza kuri jewe, atar’ ivyago. Yehoshafati aramubarira, ati Sigaho mugenzi, nta co uvuga urtyo!


Kizimirisha ababa kw isi ibimenyetso cahawe gukorera mu maso ya ca gikōko, kibarira ababa kw isi gukora igishushanyo ca ca gikōko cari n’uruguma rw’inkota, kigahava kikabaho.


Kand’ ababa kw isi bose bazogisenga, umuntu wese atanditswe izina mu gitabo c’ubugingo c’Umwagazi w’Intama yatanzwe kw ikimazi uhereye ku kuremwa kw’isi.


ntirunezererwa ukugabitanya kw’abandi, ariko runezeranwa n’ukuri:


N’ukuri, n’ukuri ndababgire: Mweho muzorira muboroge, arikw ab’ isi bo bazonezerwa; mweho muzobabara, arik’ umubabaro wanyu uzocika umunezero.


Maz’ abaganwa babgira umwami, bat’ Uyu muntu akwiye gupfa: kukw adendebura amaboko y’abahizi bagisigaye mur’ iki gisagara n’ay’ abantu bose, ababarira amajambo asa artyo: kuk’ uyu mugabo atifuriza amahoro ubu bgoko, atar’ ivyago.


Umwansi wawe ni yagwa ntuz’ unezerwe, Umutima wawe woye guhimbarwa ni yatsitara:


Washize hejuru ukuboko kw’i buryo kw’abarwanizi biwe, Wanezereje abansi biwe bose.


Umwansi wanje yoye kuvuga ngo Ndamunesheje: Abarwanizi banje boye kunyitambishwa hejuru n’uko nsegenyeshejwe.


Umwami w’Abisirayeli abarira Yehoshafati, ati Sinakubariye kw atogira ivyiza avugishwa kuri jewe, atar’ ivyago?


Maze Ahabu abarira Eliya, at’ Urandonse akabero, wa mwansi wanje! Na we ati Ndakuronse akabero koko, kuko witanze gukora ivyo Uhoraho abona kw ari bibi.


Uwa gatanu asuka urwavya rwiwe ku ntebe y’ubgami ya ca gikōko. Ubgami bgaco bucura umwiza, uburibge butuma bahekenya indimi zabo,


Kandi ca gisato, kibonye yuko gikororewe kw isi, gihīga wa mugore yavyaye umuhungu.


Yamara ntiwar’ ukwiye kurāba utw’ ininga umusi wa mwene nyoko ugeze, ku musi yashikiweko n’ivyago; umusi Abayuda bagesezwa, ntivyari bikwiye kukunezereza; ntiwari gutwengera mw ijigo ku musi w’amazigirizwa yabo.


Kuko vyabanezereye, bikabahimbara, mwebge abanyaga ishamvu yanje; kuko mwikirigita nk’inka y’iriza yo mu magarama, mukaroherana nk’amafarasi y’inkomezi;


Abanyankishwa n’inyanduruko z’ibinyoma boye kunyitamba hejuru, Abanyankira ubusa boye kumvunanira akagohe.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite