Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 10:9 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

9 Nja ah’ uwo mumarayika ari, ndamubgira kumpa ako gatabo. Arambarira, at’ Enda ugatsontsomere, karakururira mu nda, ariko mu kanwa karagusosera nk’ubūki.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

9 Nca ndagenda ndamusaba ngo ampe uwo muzingo mutoya w’igitabu. Aca ambwira ati: “Wakire uwurye. Uzokubera umururazi mu nda, ariko mu kanwa uzogusosera nk’ubuki.”

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 10:9
7 Referans Kwoze  

Amajambo yawe yarabonetse, ndayarya; kand’ amajambo yawe yambereye akanyamuneza n’ibihimbaro vy’umutima wanje: kuko nitiriwe izina ryawe, Uhoraho Mana Nyen’ ingabo.


Ariko weho, mwana w’umuntu, ni wumve ico nkubgira; ntube umugarariji nk’ iyo nzu y’abagarariji: asamika akanwa kawe, maz’ ico nguha ukirye.


Nuko Mpwemu aranterura, aranjana; ngenda nshavuye, nitonganya; arik’ ukuboko kw’Uhoraho kwari kunshikamiye.


Nta ho nasubiye inyuma ngo mve mu vyagezwe yashinze; Nashize umutima ku majambo yo mu kanwa kayo kuruta uko ndawushira ku vyo kurya bintunga.


ivyo ni vyo bizanira uburake bg’Imana abantu b’intabarirwa.


Nābīra ako gatabo, ngakūra mu kuboko kw’umumarayika, ndagatsontsomera; mu kanwa kansosera nk’ubūki; mmaze kukarya mu nda hacika umururazi.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite