Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 10:5 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

5 Umumarayika nabonye ahagaze ku kiyaga n’i musozi, amanika ukuboko kw’i buryo, agutunga mw ijuru,

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

5 Wa mumarayika nabona ahagaze ku kiyaga n’i musozi, aca aduza ikiganza ciwe c’i buryo akirabisha kw’ijuru.

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 10:5
29 Referans Kwoze  

Mbona wa muntu yambaye impuzu zera, yari hejuru y’amazi y’urwo ruzi, amanika ukuboko kw’i buryo n’ukw’ i bumoso, ayatunga mw ijuru; numva arahira Ībaho ibihe bitazoshira, yuko bizomara igihe n’ibihe n’igice c’igihe; kand’ ati Ni bamara guca ubgoko bgera ubunywenywe, ivyo vyose bizoba bishize.


Mbere mmanitse ukuboko kwanje, ndagutunze mw ijuru, Nti Ndahiye ukubaho kwanje, nk’uko namah’ ibihe vyose,


Uw’ indwi asuka urwavya rwiwe mu kirere. Ijwi rirenga riva mu rusengero kuri ya ntebe, rivuga, riti Karabaye.


Avuga n’ijwi rirenga, ati Mwubahe Imana, muyihimbaze, kukw igihe c’amateka yayo gishitse, musenge iyaremye ijuru n’isi n’ikiyaga n’amasōko y’amazi.


Yar’ afise mu minwe agatabo kazinguruye, ashinga ikirenge c’i buryo ku kiyaga, ic’i bumoso agishinga i musozi.


bati Mwami wacu, Mana yacu, birakubereye guhabga uguhimbazwa n’icubahiro n’ububasha, kukw ari wewe waremye vyose; icatumye bibaho kand’ icatumye biremwa, n’uko wabigomvye.


bati Yemwe bagabo, n’iki gitumye mugira murtyo? Natwe tur’ abantu buntu, tumeze nkamwe, kandi tubabgira ubutumwa bgiza, ngo mureke ivyo bitagira ikimazi, muhindukirire Imana nzima, yaremye ijuru n’isi n’ikiyaga n’ibirimwo vyose,


Kand’ iyo vya binyabugingo bihaye uguhimbazwa n’icubahiro n’ishimwe Ivyagiye kuri ya ntebe, ni yo Ibaho ibihe bitazoshira,


kandi ndi muzima; nari narapfuye, kandi rāba mpora ndi muzima ibihe bitazoshira, mfise impfunguzo z’urupfu n’iz’ i kuzimu.


Ezira araheza aravuga, ati Ni wewe Uhoraho wenyene nta wundi, ni wewe waremye ijuru, mbere n’amajuru asumba ayandi, n’ ingabo zose zo kuri yo; waremye n’isi n’ibiri kuri yo vyose, n’ibiyaga n’ibiri muri vyo vyose, kandi ni wewe ubibeshaho vyose; ingabo zo kw ijuru ziraguhimbaza.


kukw imisi itandatu ari yo jewe Uhoraho naremyemw’ ijuru n’isi n’ikiyaga n’ ibiri muri vyo vyose, nkaruhuka ku musi ugira indwi: ni co catumye jewe Uhoraho mpezagira umusi w’isabato, nkaweza.


Aburamu yishura umwami w’i Sodomu, ati Narahiye Uhoraho mmanitse ukuboko, ni we Mana Isumba vyose, Nyen’ ijuru n’isi,


Hamwe Imana yasezeranira Aburahamu isezerano, kukw ata we yogira indahiro ayiruta, yarīrahiye,


Kukw ibitaboneka vyayo, ni vyo bushobozi bgayo budashira n’ubumana bgayo, bibonwa neza, uhereye ku kuremwa kw’isi, bimenyekanishwa n’ivyo yaremye, kugira ngo ntibagire ico bireguza,


Kukw aho nagendagenda nitegereza ivyo musenga, nasanze hari n’igicaniro canditsweko, ngw IC’ IMANA ITAZWI. Nukw iyo musenga mutayizi, ni yo mbabarira.


Ubabgire, ut’ Uku ni k’Umwami Uhoraho agize, ngo Ku musi natoranijeko Isirayeli, nkamanika ukuboko ndahiye uruvyaro rw’inzu ya Yakobo, nkabiyerekera mu gihugu ca Egiputa, igihe namanika ukuboko mbarahira, nti Nd’Uhoraho Imana yanyu;


Hahirwa ūfise Imana ya Yakobo k’umutabazi wiwe, Akizigira Uhoraho Imana yiwe:


Kandi nzobajana mu gihugu narahiye mmanitse ukuboko ko nemeye kuzogiha Aburahamu na Isaka na Yakobo; nzokibaha kibe ishamvu yanyu; nd’ Uhoraho.


Kandi namwe muzocegukira, umuntu wese aringanire n’uwundi; ari co gihugu namanitse ukuboko ndahira ba sogokuruza ko nzokibaha; ico gihugu nyene muzocegukira kibabere ishamvu.


ni co gitumye mbimanikiye ukuboko nkarahira, ni jewe Umwami Uhoraho mbivuze, nti N’ukuri, ayo mahanga nyene abakikije, na yo azomāramāzwa.


Namwe muzomenya yuko jewe nd’ Uhoraho, igihe nzobashitsa mu gihugu c’i Bgisirayeli, ico narahiye ba sogokuruza mmanitse ukuboko ko nzobaha.


kuko, mmaze kubashitsa mu gihugu, ico narahiye mmanitse ukuboko ko nzobaha, uko babonye umusozi wose muremure n’igiti cose gitotahaye, baciye bahatangira ibimazi vyabo, baba ari ho bashikanira ishikanwa ryabo ryo kundatsa; ni ho batangiye ibizana imibabge imota neza, bakahasukira amashikanwa yabo y’ibiturire.


Nongeye kumanika ukuboko, ndabarahirira mu bugaragwa yuko nzobasanzaza mu mahanga, nkabashwiragiriza mu bihugu,


Yamara kandi namanitse ukuboko, ndabarahirira mu bugaragwa yuko ntazobashitsa mu gihugu nabahaye, kimwe gitemba amata n’ ubūki, igihugu c’agaheta mu bihugu vyose,


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite