Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 10:4 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 Kand’ imituragaro ndwi imaze kuvuga nariko ngira nandike. Numva ijwi rivuye mw ijuru rimbarira, riti Matanisha ishashara udomemw’ ikimenyetso ivyo imituragaro ndwi ivuze, ntuvyandike.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

4 Iyo mituragaro indwi imaze kuvuga, nca mfata ikaramu ngo nandike. Ariko nca numva ijwi rivuye mw’ijuru rivuga riti: “Ivyo iyo mituragaro indwi yavuze, ubigire ibanga, ntuvyandike.”

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 10:4
13 Referans Kwoze  

Nuko rero wewe Daniyeli, gumiza ayo majambo muri ntibate, umatanishe ishashara igitabo cavyo udomemw’ ikimenyetso, gushitsa igihe c’iherezo; ni ho benshi bazoserangura muri co, kand’ ubgenge buzogwira.


Kand’ ivyerekanywe vy’ubgira bugaca vy’iyo misi vyavuzwe, n’ivy’ ukuri; arik’ ugumize ivyo weretswe muri ntibate, kukw ar’ ibizoba hahise igihe kirekire.


Aranyishura, at’ Igīre, Daniyeli; kukw ayo majambo ar’ akabanga, amatanishijwe ishashara idomyemw’ ikimenyetso, gushitsa igihe c’iherezo.


Kand’ arambarira, ati Ntumatanishe ishashara n’ikimenyetso amajambo avugishijwe n’Imana yo mur’ iki gitabo; kukw igihe kiri hafi.


Ibikir’ amabanga n’ivy’ Uhoraho Imana yacu, arikw ibimaze guhishurwa n’ivyacu n’uruvyaro rwacu ibihe vyose, kugira ngo twitondere amajambo yose y’ibi vyagezwe.


rivuga, rit’ Ic’ ubona ucandike mu gitabo, ukirungikire amashengero ndwi, ukirungike muri Efeso n’i Simuruna n’i Perugamo n’i Tuwatira n’i Sarudi n’i Filadelufiya n’i Lawodikiya.


Ukwerekwa kwose kwabahindukiye nk’ amajambo yo mu gitabo kimatanishijwe ishashara, iyo bagihaye umuntu azi gusoma, bat’ Enda se soma iki: akabishura, ati Sinshobora, kuko kimatanijwe;


Andika ivyo washingiye intahe, ubimatanishe ishashara, ubihe abigishwa banje babishirek’ umutima.


Maz’ Uhoraho arambarira, ati Wābīre igisate kinini, ucandikeko mu nyuguti zisomeka, uti Bīhutira iminyago, bītera mw isahu.


Nuko wandike ivy’ ubonye n’ibiriho n’ibizoba hanyuma y’ivyo,


Rya jwi numvise rivuye mw ijuru nongera kuryumva rimbarira, riti Genda wābīre igitabo kizinguruye kiri mu kuboko kw’ umumarayika, ahagaze ku kiyaga n’i musozi.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite