Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 10:3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 Asemerera n’ijwi rirenga, nk’ukw intambge yivuga: asemereye, imituragaro ndwi ituragara amajwi yayo.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

3 Hanyuma aca arasemerera n’ijwi rirenga nk’intambwe yivuga. Asemereye, haca humvikana amajwi y’imituragaro indwi.

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 10:3
16 Referans Kwoze  

Kuk’ ukw ari k’Uhoraho ambariye, ati Nk’ukw intambge, cank’ umugunza w’intambge igwangwarira ku co yishe, iy’ abungere benshi batabajwe kurwana na yo, ntikangwe n’amajwi yabo, kandi ntiteshwe n’urwamo rwabo, uko ni k’ Uhoraho Nyen’ ingabo azomanurwa no kurwanira ku musozi Siyoni no ku mutumba waho.


Kandi kuri ya ntebe y’ubgami hava imiravyo n’amajwi n’imituragaro: kand’ imuri ndwi z’umuriro zākira imbere y’iyo ntebe, ni zo Mpwemu ndwi z’Imana:


Nuko yaravuze, at’ Uhoraho azokwivugira i Siyoni, arangurure ijwi ar’ i Yerusalemu; maz’ amaragiro y’abungere azosigara aganya, no ku gatwe k’i Karumeli hazokwuma.


Maz’ Uhoraho azokwivugira i Siyoni, arangurure ijwi ar’ i Yerusalemu; ijuru n’isi bizotigita: arik’ Uhoraho azobera abantu biwe ubuhungiro, Abisirayeli ababere igihome co kubakingira.


Mbona ikindi kimenyetso mw ijuru gihambaye, gitangaza, abamarayika ndwi bafise ivyago ndwi, ni vyo vy’iherezo, kuko mur’ ivyo ari ho uburake bg’Imana buheraherezwa.


Numva ijwi rivuye mw ijuru, nk’iry’ amazi menshi asūma, kandi nk’iry’ inkuba ituragara cane: kand’ iryo jwi numvise ryari rimeze nk’iry’ abacuraranzi bacuraranga inanga zabo.


Umumarayika ajana icotero, acuzuza umuriro wo ku gicaniro, ashiburira mw isi: habah’ imituragaro n’amajwi n’imiravyo no gutigita kw’isi.


Intambge irīvuze, none ni nde atotinya? Umwami Uhoraho aravuze, none ni nde atovugishwa?


Nuko rero, ubabūrire ayo majambo yose, ubabgire, ut’ Uhoraho azokwivuga ari mw ijuru, avuge n’ijwi rirenga ar’ ahiwe hēra; umukuku wiwe azowutontomera; azovuza akāmo, nk’ak’ abakānya inzabibu, akavugirije ababa kw isi bose.


Uhoraho azoja gutera nk’umuhizi, arwanane ishaka nk’intōre mu ntambara: azobīrahira, mber’ azobīvuga n’ijwi rirenga; abansi biwe azobagirira ibikomeye.


Ukwivuga kwabo kuzoba nk’ukw’ intambge, bazokwivuga nk’imigunza y’intambge: ni koko bazotontoma basahura isahu, bayīnyagira, ata wuriho wo gutabara.


Uburake bg’umwami ni nk’ ukwivuga kw’intambge, Arikw ineza yiwe ni nk’ikime gihēmbūra ivyatsi.


Kimwe muri vya binyabugingo bine giha bano bamarayika ndwi inzavya ndwi z’izahabu, zuzuye uburake bg’Imana ibaho ibihe bitazoshira.


Ijwi ry’Uhoraho rihindira hejuru y’amazi: Imana y’icubahiro ihindisha inkuba, Ni we Uhoraho ahindishiriza inkuba hejuru y’amazi menshi.


Kand’ uguhinda kw’amababa y’abakerubi kwarumvikana kugashika no mu ntangaro, kumeze nk’ijwi ry’ Īshobora vyose iy’ ivuze.


Bazogenda bankurikira jewe Uhoraho, nivuga nk’intambge: mbere nzokwivuga, maz’ abana bazoza bahinda agashitsi, bavuye i burengerazuba.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite