Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 10:11 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

11 Barambarira, bat’ Ukwiye kuzosubira kuvugishwa ivy’ amoko menshi n’amahanga menshi n’indimi nyinshi n’abami benshi.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

11 Hanyuma nca numva ijwi rimbwira riti: “Utegerezwa kuvugishwa kandi ku moko menshi, amahanga menshi, indimi nyinshi n’abami benshi.”

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 10:11
13 Referans Kwoze  

Arongera arambarira, ati Vugira kur’ aya magufa, uyabarire, uti Yemwe mwa magufa yumye, ni mwumve ijambo ry’Uhoraho.


Arambgira, ati Ya mazi wabonye, maraya yicarako, ni yo moko n’amakungu y’abantu n’amahanga n’indimi.


Kandi mbona umumarayika wundi aguruka yātiriye ijuru, afise ubutumwa bgiza butazoshira bgo kubarira ababa kw isi n’amahanga yose n’imiryango yose n’indimi zose n’amoko yose.


Kand’ abo mu moko n’imiryango n’indimi n’amahanga bazorāba imivyimba yabo imisi itatu n’igihimba, ntibazokunda kw iyo mivyimba ihambga.


Maz’ arambarira, ati Vugira ku muyaga, vuga, mwana w’umuntu, ubarire umuyaga, ut’ Uku ni k’Umwami Uhoraho agize, ati Ngwino muve ku miyaga ine, mwa mpwemu, muhumekere kur’ abo bishwe, babe bazima.


Baririmba indirimbo nsha, bati Birakubereye kwābīra igitabo, no kumena ibikimatanije, kuko wishwe, ugacungurira Imana abo mu miryango yose no mu ndimi zose no mu moko yose no mu mahanga yose, ubacunguje amaraso yawe,


Nābīra ako gatabo, ngakūra mu kuboko kw’umumarayika, ndagatsontsomera; mu kanwa kansosera nk’ubūki; mmaze kukarya mu nda hacika umururazi.


Bampa irenga rimeze nk’inkoni, bati Va hasi ugere urusengero rw’Imana n’igicaniro n’abarusengeramwo.


Kandi ni yo bami ndwi: abatanu bārakombowe, umwe ariho, uwundi we ntaraza, kandi ni yaza azoba ar’ uwo kumara igihe gito.


Kand’ amahembe cumi wabonye ni yo bami cumi batarīma, ariko bahabga kuganziriza hamwe na ca gikōko nk’abami nyene, kumara isaha imwe.


Kandi nzoshitsa kur’ ico gihugu amajambo yanje yose y’ivyo nakigeneye, ni vyo vyanditswe mur’ iki gitabo uko bingana, ivyo navugishije Yeremiya mbigeneye amahanga yose.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite