Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 10:10 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

10 Nābīra ako gatabo, ngakūra mu kuboko kw’umumarayika, ndagatsontsomera; mu kanwa kansosera nk’ubūki; mmaze kukarya mu nda hacika umururazi.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

10 Nuko nakira wa muzingo mutoya w’igitabu ndawukuye mu kiganza ca wa mumarayika, nca ndawurya. Mu kanwa wasosa nk’ubuki, ariko maze kuwumira, uca ucika umururazi mu nda.

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 10:10
9 Referans Kwoze  

Arambarira, ati Mwana w’umuntu, hāza inda yawe, n’amara yawe uyuzuze uyu muzingo nguhaye. Nuko ndawurya; mu kanwa unsosera nk’ubūki.


Amajambo aryoshe ni nk’ umutsāma w’ikigigu, Asōsera umutima, anonora amagufa.


Ewe kuntu amajambo yawe angēngēra mu māgāge! Arusha ubūki gusōsa mu kanwa kanje.


Ivyo niyumvira biyiryohere: Nanje nzokwama nnezererwa Uhoraho.


N’ivyo kwifuzwa kuruta izahabu, naho zoba izahabu, nyinshi zitarimw’ inkamba: Bisōsa kurusha ubūki, n’umutsāma w’ikigigu utonyanga.


Nuko Mpwemu aranterura, aranjana; ngenda nshavuye, nitonganya; arik’ ukuboko kw’Uhoraho kwari kunshikamiye.


akizingururira imbere yanje: kandi cari canditswe imbere n’inyuma; canditswemw’ intimba n’amaborogo n’amahano.


Nja ah’ uwo mumarayika ari, ndamubgira kumpa ako gatabo. Arambarira, at’ Enda ugatsontsomere, karakururira mu nda, ariko mu kanwa karagusosera nk’ubūki.


Barambarira, bat’ Ukwiye kuzosubira kuvugishwa ivy’ amoko menshi n’amahanga menshi n’indimi nyinshi n’abami benshi.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite