Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 10:1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Mbona umumarayika wundi w’inkomezi, amanuka ava mw ijuru, yambaye igicu, no mu mutwe yari yambaye umunywamazi, mu maso hiwe hasa n’izuba, amaguru yiwe asa n’inkingi z’umuriro.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

1 Hanyuma mbona uwundi mumarayika w’inkomezi yururuka ava mw’ijuru. Yari yambaye igicu, umunywamazi ukaba hejuru y’umutwe wiwe. Mu maso hiwe hari hameze nk’izuba, amaguru yiwe na yo yari ameze nk’inkingi z’umuriro.

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 10:1
28 Referans Kwoze  

Ahinduka ukundi imbere yabo, mu maso hiwe haka nk’izuba, impuzu ziwe zera nk’umuco.


Nk’uk’ umunywamazi wo ku gicu usa ku musi w’imvura, ni k’ugukayangana kwari kumukikije hirya no hino kwasa. Ivyo vyari bimeze nk’ibisa n’ubgiza bg’Uhoraho. Mbibonye, nikubita hasi nubamye, numva ijwi ry’ūvuga.


Mbona umumarayika w’inkomezi nyinshi asemereza ijwi rirenga, ati Ni nde bibereye kw azingurura kirya gitabo ngw amene ibikimatanije?


Kand’ umubiri wiwe wasa n’akabuyenge kitwa tarushishi, mu maso hiwe hasa n’umuravyo, amaso yiwe yasa n’imuri z’umuriro, amaboko yiwe n’ibirenge vyiwe vyasa n’umuringa w’umwakaka, kand’ ijwi ry’amajambo yiwe ryari rimeze nk’iry’ ishengero ry’abantu.


Uwar’ avyagiye yasa n’akabuyenge kitwa yasipi n’akitwa sarudiyo: kand’ umunywamazi war’ ukikije iyo ntebe, usa n’akitwa simaragido.


Ndarāba, numva inkukuma iguruka yātiriye ijuru, ivuga n’ijwi rirenga, it’ Ibara, ibara, ibara riza kubonwa n’abari mw isi kubg’ ayandi majwi y’inzamba z’abamarayika batatu bahava bavuza.


Ushinga inkingi z’insenge zawe mu mazi; Uhindura ibicu umukogote ugenderamwo; Ugendera ku mababa y’umuyaga.


Ibicu n’umwiza biramukikije: Ukugororoka n’imanza zibereye ni vyo ingoma yiwe ihagazeko.


Eh’ arazanana n’ibicu, kand’ ijisho ryose rizomwibonera, n’abāmucumise bazomubona: kand’ amoko yose yo mw isi azoborogeshwa na we. Ni ko biri. Amen.


Nuko mugenzi, nkigenda mu mashōka, mbona umuco uvuye mw ijuru, urusha ukw izuba rica ibibatsi, unkayanganira irya n’ino, twe n’abo tugendanye.


Ni ho bazobona Umwana w’umuntu aje mu gicu, ari n’ububasha n’ubgiza bginshi.


Kandi mu vyo neretswe mw ijoro, nagize ntya mbona haje uwusa n’Umwana w’umuntu, azananye n’ibicu vyo kw ijuru, aza kuri wa Wundi wa mbere na mbere, baramumushikiriza.


Witwikiriye igicu, kugira ng’ ugusenga kwacu ntikumenēre ngo kugushikīre.


Ivyo bimmereye nk’ivy’ umwuzure wo mu gihe ca Nowa; nk’ uko narahiye k’umwuzure wo mu gihe ca Nowa utazokwongera kurengera isi, ni ko n’ubu ndahiye ko ntazokurakira ngo ndagutonganye.


Imbūri yo kuri Egiputa. Rāba Uhoraho areruwe n’ igicu cihuta, aja muri Egiputa; ibigirwamana vyo muri Egiputa bizohindira agashitsi imbere yiwe, umutima wa Egiputa uzoyagira mu nda.


Amaguru yiwe ameze nk’ inkingi zabājwe mu mabuye yitwa marimari, zashinzwe mu dutereko tw’izahabu nziza. Ukw ameze asa n’i Lebanoni, ni mwiza bihebuje, nk’ ibiti vy’amasederi.


Uhoraho abarira Mose, ati Barira Aroni mukurwawe, yoye kwama yinjira, igihe yigombeye cose, ngw aje Ahēra, hirya ya ca gihuzu gikinze, imbere ya wa mutemere wo guhongerako urumitse kuri ya sandugu hejuru, kugira ngo ntapfe; kuko nzoserukira kur’ uwo mutemere wo guhongerako ndi muri ca gicu.


Nuko Aroni akirikw aravugana n’ikoraniro ryose ry’Abisirayeli, bahindukiye babona mu bugaragwa ubgiza bg’ Uhoraho bgiyerekaniye muri ca gicu.


Hanyuma y’ivyo mbona umumarayika wundi, amanuka avuye mw ijuru, afise ubutware buhambaye, isi ibonesherezwa n’ubgiza bgiwe.


Umumarayika w’inkomezi araha ikibuye kimeze nk’igisyo kinini, agita mu kiyaga, at’ Uko ni ko Babuloni igisagara gihambaye kizotererwa kigenda imivuguvugu, kandi ntikizosubira kuboneka ukundi.


Mbona umumarayika amanuka avuye mw ijuru, afise urupfunguzo rw’i kuzimu, afise n’ikinyororo mu minwe.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite