Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 1:9 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

9 Jewe Yohana, mwene So, musangiye amarushwa n’ubgami n’ukwihangana biri muri Yesu, nari ku kizinga Patimo co mu kiyaga, bampōra ijambo ry’Imana no gushingira intahe Yesu.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

9 Jewe Yohana, mwene So mfatanije namwe mu mibabaro, mu Bwami bw’Imana no mu kwihangana, ivyo duhamagarirwa muri Yesu, nari najanywe mw’izinga rya Patimo mporwa ijambo ry’Imana no gushingira intahe Yesu.

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 1:9
35 Referans Kwoze  

Ko witondeye ijambo ryo kwihangana kwanje, nanje nzokurinda igihe co kugerageza, kigira kize mu bihugu vyose, kugerageza ababa mw isi.


baremesha imitima y’abigishwa, babahanūra ngo bagume mu kwizera: kandi yuko dukwiye guca mu marushwa menshi mu kwinjira mu bgami bg’Imana.


Ivyo mbibabgiye, kugira ngo mugire amahoro muri jewe. Mw isi muri n’amarushwa, ariko ni muhūmure, jewe naranesheje isi.


yashingiye intahe ivyo yabonye vyose, ni vyo jambo ry’Imana, no gushinga intahe kwa Yesu Kristo.


Namb’ umuntu yagerewe gufatwa mpiri azofatwa mpiri; namb’ umuntu yicisha inkota akwiye kuzokwicishwa inkota. Aho ni ho ukwihangana kw’abera guserukira bo n’ukwizera kwabo.


Ariko mwagize neza, kuko mwafatanije nanje amarushwa.


Na bo bamuneshesheje amaraso y’Umwagazi w’Intama n’ijambo ryo gushinga intahe kwabo, ntibakunda amagara yabo, ntibanka no gupfa.


Ndamwishura, nti Mugenzi, ni wewe wobimenya. Arambgira, at’ Aba n’abāvuye muri wa mubabaro mwinshi, kandi bamesuye imvune zabo bazezesha amaraso ya wa Mwagazi.


Nuko ntugire isoni zo gushingira intahe Umwami wacu, cank’ izanje imbohe yiwe. Arik’ ufatanye nanje kwihanganira imibabaro kubg’ ubutumwa bgiza, nk’uk’ ubushobozi bg’Imana bugushoboza,


Yamara ko twiteze ico tutarabona, nuko tukirorēra twihangana.


Aho ni ho ukwihangana kw’abera guserukira, bitondera ivyagezwe n’Imana n’ukwizera Yesu.


Kuko mukwiye kwihangana, kugira ngo ni mwamara gukora ivy’ Imana igomba mubone guhabga ivyasezeranywe.


Nanje birambereye kubiyumvirako ntyo mwese, kuko mbafise mu mutima, kuko mu ngoyi zanje, no mu gukiranira ubutumwa bgiza no kubucimbataza, mwese musangiye nanje ubuntu bg’Imana.


Kandi ni baheza gushinga intahe, igikōko kizodūga kivuye i kuzimu, kizobarwanya, kibaneshe, kibice.


Ariko ko tur’ abana bayo, tur’ abaragwa; tur’ abaragwa b’Imana, tur’ abaraganwa na Kristo, namba tubabazanywa na we, ngo tubone guhānwa ubgiza na we.


Nikubitishwa hasi imbere y’ibirenge vyiwe no kumusenga. Arambarira, at’ Oya sigaho; nd’umugurano mugenzawe, kandi ndi mugenzi wa bene So bafise ivyo gushingira intahe Yesu: Imana ba ari yo usenga. Kukw abashingira intahe Yesu baba bavugishwa na Mpwemu.


Ico gisato kigirira wa mugore inzigo, kirīgīra ngo kirwanye abo mu ruvyaro rwiwe basigaye, bitondera ivyagezwe n’Imana kandi bafise ibishingira Yesu intahe.


Kand’ amennye ica gatanu kimatanije ico gitabo, mbona musi y’igicaniro impwemu z’abishwe babahōra ijambo ry’Imana no gushinga intahe bari bafise.


Jewe Yohana ndabandikiye mwebge abo mu mashengero ndwi yo muri Asiya. Ubuntu bube muri mwebge n’amahoro biva kur’ Iyo, iriho, kandi yamyeho, kand’ igira ize, biva no ku Mpwemu ndwi zir’ imbere y’intebe yayo,


Umwami arōngōre imitima yanyu, ayerekeze ku rukundo rw’Imana no ku kwihangana kwa Kristo.


Arababgira, at’ Igikombe canje koko muzokinywerako, ariko gutanga ivyicaro i buryo bganje n’i bumoso, s’ivyanje, atar’ abo Data yabiteguriye.


Baramwishura, bati Turashobora. Yesu arababgira, at’ Igikombe nnywerako, muzokinywerako, kandi muzobatizwa umubatizo mbatizwa jewe.


Mur’ iyo misi Petero ava hasi ahagarara hagati ya bene Data, (hāri hakoraniye ishengero ry’abantu nk’ijana na mirongwibiri), aravuga,


Kand’ ivyo tubazigako birashikamye, kuko tuzi yuko, ko musangiye natwe iyo mibabaro, dusangiye n’ukuyirurwa.


Abashingantahe b’ishengero bo muri mwebge ndabahanūra, kuko nanje nd’ umushingantahe mugenzi wanyu, kandi nd’ icabona c’imibabaro Kristo yababajwe, kandi mfatanije namwe ubgiza buzohishurwa.


Uguhishura kwa Yesu Kristo, ukwo yahawe n’Imana ngo yereke abagurano biwe ibigira bibeho vuba, agatuma umumarayika wiwe akabimenyesha umugurano wiwe Yohana,


akaduhindura ubgami, no kuba abaherezi b’Imana yiwe, ni yo Se: icubahiro n’inganji bibe ivyiwe ibihe bitazoshira. Amen.


Mbona intebe z’ubgami, mbona abicara kuri zo, bahabga ubucamanza. Kandi mbona ubugingo bg’abaciwe amazosi, babahōra gushingira intahe Yesu, n’ijambo ry’Imana, ni bo batāsenze ca gikōko cank’ igishushanyo caco, kandi ntibemeye gushirwa ikimenyetso caco mu ruhanga canke ku kiganza. Baba bazima, bafatanya na Kristo kuganza imyaka igihumbi.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite