Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 1:3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 Hahirwa ūsoma, hahirwa n’abumva amajambo y’uku kuvugishwa n’Imana, bakitondera ivyanditswe muri yo: kukw igihe kiri hafi.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

3 Harahiriwe uwusoma aya majambo y’ubuvugishwa, kandi harahiriwe abayumva bakayashirako umutima, kuko igihe kiri hafi.

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 1:3
15 Referans Kwoze  

Na we aramwishura, ati Cane‐cane hahirwa abumva ijambo ry’Imana bakaribungabunga.


Kand’ arambarira, ati Ntumatanishe ishashara n’ikimenyetso amajambo avugishijwe n’Imana yo mur’ iki gitabo; kukw igihe kiri hafi.


Nuko mwame mugenza murtyo, kuko muzi imisi, yukw igihe gishitse co kwikangura. Non’ agakiza kacu karatwēgereye, kurusha igihe twizereye.


Arik’ umuhero wa vyose uri hafi: nuko ntimuhugumbe, mwirinde, kugira ngo mubone uko mushishikara gusenga.


Hahirwa umuntu anyumviriza, Akāma arerekeye ku myugariro yanje uko bukeye, Agategera ku bishimaryango vyanje.


Ehe ndaza vuba, nzanye ingero, kugira ngo ngerere umuntu wese ibikwiranye n’ivyo yakoze.


Arikw abo nkunda, iri rimwe mweho ntimuryiyobagize, yuko ku Mwami Imana umusi umwe umeze nk’imyaka igihumbi, n’imyaka igihumbi imeze nk’umusi umwe.


Ūshingira intahe ivyo, aravuga, at’ Ego me, ndaza vuba. Amen, urakaza, Mwami Yesu.


Nukw aho muzobonera ca kizira c’ubuyobe bg’ubugesera, gihagaze ahantu hēra, cavuzwe na Daniyeli yavugishwa n’Imana — ūsoma ni yiyubare —


Ijoro rirakuze, bugira buce. Nuko twiyambure ibikorwa vy’umwiza, twambare ibirwanishwa vy’umuco.


Ngira nze vuba: wumire ku co ufise, ntihagire ūgutwara igitsibo cawe.


Maze Yeremiya abarira Seraya, ati Ni washika i Babuloni, ntubure gusoma aya majambo yose,


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite