Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 1:2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 yashingiye intahe ivyo yabonye vyose, ni vyo jambo ry’Imana, no gushinga intahe kwa Yesu Kristo.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

2 na we ashingira intahe ivyo yabonye vyose ku bijanye n’ijambo ry’Imana n’intahe ya Yesu Kristo.

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 1:2
22 Referans Kwoze  

kuk’ ugushingira intahe Kristo kwakomejwe muri mwebge.


Ico gisato kigirira wa mugore inzigo, kirīgīra ngo kirwanye abo mu ruvyaro rwiwe basigaye, bitondera ivyagezwe n’Imana kandi bafise ibishingira Yesu intahe.


Icariho uhereye ubga mbere na mbere, ico twumvise, ico twabonye n’amaso yacu, ico twitegereje, intoke zacu zikagikorako, ivyo kuri Jambo w’ubugingo —


Uwo ni wa mwigishwa yashingiye intahe ivyo, kandi ni we yavyanditse, kandi natwe tuzi yukw intahe yiwe ar’ iy’ ukuri.


Uwabibonye ni we yabishingiye intahe kand’ intahe yiwe n’iy’ ukuri, kand’ arazi kw avuga ukuri, kugira ngo namwe mwizere.


Nuko wandike ivy’ ubonye n’ibiriho n’ibizoba hanyuma y’ivyo,


Jewe Yohana, mwene So, musangiye amarushwa n’ubgami n’ukwihangana biri muri Yesu, nari ku kizinga Patimo co mu kiyaga, bampōra ijambo ry’Imana no gushingira intahe Yesu.


Ariko va hasi, hagarara n’ibirenge vyawe: kukw igitumye nkwiyereka, ar’ukugira ngo ngutoranye nkugire umukozi wanje n’icabona co gushingira intahe ivy’ umbonanye, n’ivyo nzokwiyerekeramwo;


Nuko rya shengero rimushingira intahe, rimwe ryari kumwe na we hamwe yahamagara Lazaro ngw ave mu mva, akamuzura mu bapfuye.


Kand’ amennye ica gatanu kimatanije ico gitabo, mbona musi y’igicaniro impwemu z’abishwe babahōra ijambo ry’Imana no gushinga intahe bari bafise.


Natwe twarabibonye, tubishingira intahe, yuko Data wa twese yatumye Umwana wiwe kuba Umukiza w’isi yose.


Nanje, bene Data, hamwe nabasanga i wanyu, sinaje nd’agakūra mu majambo canke mu bgenge, mu kubamenyesha ibanga ry’Imana.


kuko tweho tudashobora kureka kuvuga ivyo twabonye n’ivyo twumvise.


N’ukuri, n’ukuri ndakubgire: Twebge tuvuga ico tuzi, kandi dushingira intahe ico twabonye; ariko ntimwemera igishingantahe cacu.


Kandi Yohana ashinga intahe, ati Nabonye Mpwemu amanuka ava mw ijuru asa n’inuma, aguma kuri we;


Na bo bamuneshesheje amaraso y’Umwagazi w’Intama n’ijambo ryo gushinga intahe kwabo, ntibakunda amagara yabo, ntibanka no gupfa.


Demetiriyo ashingirwa intahe na bose, kandi n’ukuri ubgakwo kurayimushingira: natwe nyene turayimushingira; nawe urazi kw ivyo dushingira intahe ar’ ivy’ ukuri.


kuk’ uzomubera icabona ku bantu bose ku vyo wabonye kandi wumvise.


rivuga, rit’ Ic’ ubona ucandike mu gitabo, ukirungikire amashengero ndwi, ukirungike muri Efeso n’i Simuruna n’i Perugamo n’i Tuwatira n’i Sarudi n’i Filadelufiya n’i Lawodikiya.


Mbona intebe z’ubgami, mbona abicara kuri zo, bahabga ubucamanza. Kandi mbona ubugingo bg’abaciwe amazosi, babahōra gushingira intahe Yesu, n’ijambo ry’Imana, ni bo batāsenze ca gikōko cank’ igishushanyo caco, kandi ntibemeye gushirwa ikimenyetso caco mu ruhanga canke ku kiganza. Baba bazima, bafatanya na Kristo kuganza imyaka igihumbi.


Ubuntu bg’Umwami Yesu bubane n’abera. Amen.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite