Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 1:16 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

16 kandi mu kuboko kwiwe kw’i buryo yar’ afise inyenyeri ndwi, mu kanwa kiwe hāvamw’ inkota ikarishe, mu nyonga hiwe hari hameze nk’izuba iyo ryatse umutari.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

16 Mu kuboko kwiwe kw’i buryo yari afise inyenyeri indwi, kandi mu kanwa kiwe havamwo inkota y’ubugi bubiri ikarishe. Mu maso hiwe harakayangana nk’izuba ryo ku murango.

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 1:16
26 Referans Kwoze  

Kukw ijambo ry’Imana ari rizima, rifise ubukuba, rifise ubugi buruta ubg’ inkota zose, rikinjira n’aho ritanya ubugingo n’impwemu, rigatanya ingingo n’umusokōro, risuzuma ivyo umutima wiyumvira, ukagabira.


Nuko rero ni wihane: n’utihana nzoza kuri wewe vuba, kand’ abo nzobarwanya, mbakubite inkota yo mu kanwa kanje.


Mu kanwa kiwe havamw’ inkota ikarishe, kugira ngw ayikubite amahanga: azoyaragiza inkoni y’icuma. Kand’ aganishiriza ibirenge mu bgato vino y’uburake bg’inkazi bg’Imana ishobora vyose.


Kandi wandikire umumarayika w’ishengero ry’i Perugamo, ut’ Ūfise inkota ikarishe aravuga ibi,


Mwābīre inkofero y’agakiza, bo n’inkota ya Mpwemu, ni yo jambo ry’Imana:


akanwa kanje yakagize nk’inkota ikarishe, ampisha mu gitūtu c’ukuboko kwiwe; kandi yampinduye umwampi usennye, mu mutana wiwe ni ho anzigamira rwose.


Abasigaye bicishwa inkota y’ūvyagiye kuri ya farasi, imwe ivuye mu kanwa kiwe. Ibisīga vyose bifunereza inyama zavyo.


Ahinduka ukundi imbere yabo, mu maso hiwe haka nk’izuba, impuzu ziwe zera nk’umuco.


ibanga ry’inyenyeri ndwi izo umbonanye mu kuboko kwanje kw’i buryo, n’ivy’ ibiterekwakw amatara ndwi vy’izahabu. Inyenyeri ndwi ni zo bamarayika b’ayo mashengero ndwi, ibiterekwakw amatara ndwi na vyo ni vyo mashengero ndwi.


Kandi wandikire umumarayika w’ishengero ry’i Sarudi, ut’ Ūfise Impwemu ndwi z’Imana n’inyenyeri ndwi, aravuga ibi, ngo Ndazi ibikorwa vyawe, k’uvugwa k’uri muzima, arik’ ur’ uwapfuye.


Nuko mugenzi, nkigenda mu mashōka, mbona umuco uvuye mw ijuru, urusha ukw izuba rica ibibatsi, unkayanganira irya n’ino, twe n’abo tugendanye.


Ariko mweho abubaha izina ryanje izuba ry’ubugororotsi rizobarasira, rifise ugukiza mu mababa yaryo. Maze muzosohoka mukina amatavu nk’inyana zivuye mu ruhongore.


Ikimenyetso gihambaye kiboneka mw ijuru: umugore yambaye izuba, ukwezi kwari musi y’ibirenge vyiwe, mu mutwe yambaye igitsibo c’inyenyeri cumi na zibiri:


Mbona umumarayika wundi w’inkomezi, amanuka ava mw ijuru, yambaye igicu, no mu mutwe yari yambaye umunywamazi, mu maso hiwe hasa n’izuba, amaguru yiwe asa n’inkingi z’umuriro.


Kand’ abāgize ubgenge bazokayangana nk’ugukayangana kwo mw itāzānure ry’ijuru, n’abashikanye benshi ku bugororotsi bazokwaka nk’inyenyeri ibihe bitazoshira.


Igihe inyenyeri zo mu gaturuturu zāririmbira hamwe, N’abana b’Imana bose bagasēsereza impundu?


Rihinduka rinini ryagamba no mu ngabo zo mw ijuru, mber’ ingabo zimwe n’inyenyeri zimwe ribishiburira hasi, rirabisiribanga.


Ni ho ukwezi kuzomāramāra, izuba ritētērwe; kuk’ Uhoraho Nyen’ ingabo azoba ari ku ngoma ku musozi Siyoni ari ho Yerusalemu, agire icubahiro imbere y’abashingantahe biwe.


arikw azocira aboro imanza zibereye, kand’ azoshinga urw’ abaciye bugufi bo mw isi mu kuri: azokubitisha isi inkoni ivuye mu kanwa kiwe, kand’ abanyakibi azobīcisha impwemu ziva mu minwa yiwe.


Uhoraho we, abansi bawe bose baragapfa bartyo, Arikw abagukunda babe nk’ izuba rirashe risasitse! Maz’ igihugu gihabga impore kumara imyaka mirongwine.


Wa muhizi we, ambara inkota yawe kw itako, Ambara ubgiza bgawe n’icubahiro cawe.


Uyu ni nde arunguruka ameze nk’umutwenzi utambitse, Ni mwiza nk’ukwezi, Akayangana nk’izuba, Ateye ubgoba nk’igitero c’ ingabo zigendana amabendera?


Andikira umumarayika w’ishengero ryo muri Efeso, ut’ Ūfashe inyenyeri indwi mu kuboko kw’i buryo, akagendera hagati y’ibiterekwakw amatara indwi vy’izahabu, aravuga ibi,


Maze Ehudi yicurishiriza intambi; uburebure bgayo bgar’ itambge rimwe ry’ukuboko uciriye mu nkokora; ayambara kw itako ry’i buryo, ayirenzakw impuzu ziwe.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite