Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 1:15 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

15 ibirenge vyiwe vyasa n’umuringa w’umwakaka, utukujwe n’umuriro; n’ijwi ryiwe ryari rimeze nk’iry’ amazi menshi asūma,

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

15 Ibirenge vyiwe vyasa n’umuringa wakaka wavugutiwe mw’itanure, ijwi ryiwe na ryo ryari rimeze nk’amazi menshi asuma.

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 1:15
11 Referans Kwoze  

ngize ntya mbona ubgiza bg’Imana y’ Abisirayeli buje buturutse mu nzira y’i burasirazuba. Ijwi ryayo ryari rimeze nk’ugusūma kw’ amazi menshi; isi ikayanganishwa n’ubgiza bgayo.


Kand’ umubiri wiwe wasa n’akabuyenge kitwa tarushishi, mu maso hiwe hasa n’umuravyo, amaso yiwe yasa n’imuri z’umuriro, amaboko yiwe n’ibirenge vyiwe vyasa n’umuringa w’umwakaka, kand’ ijwi ry’amajambo yiwe ryari rimeze nk’iry’ ishengero ry’abantu.


Numva ijwi rivuye mw ijuru, nk’iry’ amazi menshi asūma, kandi nk’iry’ inkuba ituragara cane: kand’ iryo jwi numvise ryari rimeze nk’iry’ abacuraranzi bacuraranga inanga zabo.


Numva ikimeze nk’ijwi ry’ishengero rinini, n’ikimeze nk’ugusūma kw’amazi menshi, n’ikimeze nk’ijwi ry’imituragaro ihambaye, kivuga, kiti Haleluya, kuk’ Umwami Imana yacu ishobora vyose ihangamye.


Kandi wandikire umumarayika w’ishengero ry’i Tuwatira, ut’ Umwana w’Imana, afise inyonga zisa n’imbeya z’umuriro, ibirenge vyiwe bisa n’umuringa w’umwakaka, aravuga ibi,


Amajwi y’amazi menshi, Imipfunda ihambaye yo mu kiyaga, Uhoraho ar’ iyo hejuru abirusha inkomezi.


Kand’ ibirenge vyavyo vyar’ inambi; mu bgōro bg’ ibirenge vyavyo hari hameze nk’ imbere mu nzāra z’inyana: kandi vyakayangana nk’umuringa w’ umwakaka.


Nukw anshikanaho, ngize ntya mbona umuntu ahagaze ku kirimba, afise umugozi w’ubugwegwe mu ntoke, n’irenga ry’ikigeresho.


Amoko azosūma nk’ugusūma kw’amazi menshi: arikw Imana izoyakankamira, na yo azohungira kure, nk’ ibishingwe vyo ku misozi iyo bijanwa n’umuyaga, nk’ifurufumbi y’ umukungugu ir’ imbere y’igihuhuta.


Kand’ iyo bigiye, numva guhinda kw’amababa yavyo, ni nko guhinda kw’amazi menshi, nk’ ijwi ry’Īshobora vyose, nk’uguhinda kw’ingabo: iyo bihagaze vyabumba amababa yavyo.


Mbona umumarayika wundi w’inkomezi, amanuka ava mw ijuru, yambaye igicu, no mu mutwe yari yambaye umunywamazi, mu maso hiwe hasa n’izuba, amaguru yiwe asa n’inkingi z’umuriro.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite