Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 1:13 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

13 kandi hagati y’ivyo biterekwakw amatara mbona uwusa n’Umwana w’umuntu, yambaye imyambaro ishika ku birenge, yambaye mu gikiriza umukanda w’izahabu.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

13 kandi hagati muri vyo hari hahagaze uwusa n’Umwana w’Umuntu, yambaye ikanzu ishika ku birenge, akenyeje umukanda w’inzahabu mu gikiriza.

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 1:13
15 Referans Kwoze  

Kandi mu vyo neretswe mw ijoro, nagize ntya mbona haje uwusa n’Umwana w’umuntu, azananye n’ibicu vyo kw ijuru, aza kuri wa Wundi wa mbere na mbere, baramumushikiriza.


Maze haza ūfise ishusho nk’iy’ abana b’abantu, akora ku munwa wanje; nca nteranura akanwa, ndavuga mbarira uwar’ ampagaze imbere, nti Databuja, ivyo neretswe vyatumye nsinzikazwa n’umubabaro, ndadendebukiwe.


hasohoka ba bamarayika ndwi bava mur’ urwo rusengero bafise vya vyago ndwi, bambaye impuzu zera zitanduye, zikayangana, kandi bambaye imikanda y’izahabu mu gikiriza.


Kandi mbona igicu cera; no kuri kino gicu ūkivyagiyeko, asa n’Umwana w’umuntu, yambaye igitsibo c’izahabu mu mutwe, kand’ afise umuhoro ukarishe mu kuboko.


Yambika Aroni ya kanzo, amukenyeza wa mukanda, amwambika na wa mwinjiro, amushirako na efodi, amukenyeza na wa musipi wa efodi ujishwe n’ abahinga, awuyifatishiriza kuri we;


Nkomeza kwitegereza, bakiriko barashirah’ intebe z’ubgami; maze haza Uwa mbere na mbere, aravyagira. Imyambaro yiwe yera nka shelegi kand’ umushatsi wiwe wasa n’ubgoya bg’intama yera derere; intebe y’ubgami bgiwe yari nk’ibirimi vy’umuriro, kand’ amakurudumu yayo yari nk’umuriro waka.


Ubugororotsi buzomubera umukanda mu rukenyerero, mber’ ukwizigirwa kuzomubera umukanda mu mafyinga.


Kuk’ umuherezi mukuru dufise, atar’ ūdashobora kubabarana natwe mu ntege nke zacu, ariko n’uwageragejwe uburyo bgose nkatwe, yamara we nta caha yakoze.


Umusipi ujishwe n’abahinga, ujishiwe kuri wo, wo kuwukenyeza, uba kimwe na wo, wajishwe nka wo; bawujishishije intahe z’izahabu n’inyuzi z’amasufe n’iz’ amashigisha n’izisa n’agahama n’ izera derere nziza zihinzwe neza, nk’uk’ Uhoraho yabariye Mose.


Andikira umumarayika w’ishengero ryo muri Efeso, ut’ Ūfashe inyenyeri indwi mu kuboko kw’i buryo, akagendera hagati y’ibiterekwakw amatara indwi vy’izahabu, aravuga ibi,


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite