Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 1:11 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

11 rivuga, rit’ Ic’ ubona ucandike mu gitabo, ukirungikire amashengero ndwi, ukirungike muri Efeso n’i Simuruna n’i Perugamo n’i Tuwatira n’i Sarudi n’i Filadelufiya n’i Lawodikiya.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

11 riti: “Wandike mu gitabu ivyo ubona vyose maze ubirungikire amashengero indwi mu bisagara vya Efeso, Simuruna, Perugamo, Tuwatira, Sarudi, Filadelufiya, na Lawodikiya.”

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 1:11
37 Referans Kwoze  

Kandi wandikire umumarayika w’ishengero ry’i Sarudi, ut’ Ūfise Impwemu ndwi z’Imana n’inyenyeri ndwi, aravuga ibi, ngo Ndazi ibikorwa vyawe, k’uvugwa k’uri muzima, arik’ ur’ uwapfuye.


Jewe Yohana ndabandikiye mwebge abo mu mashengero ndwi yo muri Asiya. Ubuntu bube muri mwebge n’amahoro biva kur’ Iyo, iriho, kandi yamyeho, kand’ igira ize, biva no ku Mpwemu ndwi zir’ imbere y’intebe yayo,


Maz’ Uhoraho aranyishura, at’ Andika ivyo weretswe, uvyandike ku bisate mu nyuguti zisomeka, kugira ng’ ūbisoma anyarutse.


rit’ Uku ni k’Uhoraho agize, ni we Mana y’Abisirayeli, ati Wandike mu gitabo amajambo yose nakubariye.


Wandikire umumarayika w’ishengero ry’i Lawodikiya, ut’ Uwiyita Amen, icabona co kwizigirwa kandi c’ukuri, inkomoko y’ivyaremwe n’Imana, aravuga ibi,


Wandikire umumarayika w’ishengero ry’i Filadelufiya, ut’ Uwera, uw’ ukuri, ūfise urupfunguzo rwa Dawidi, uwugurura ntihagire uwugara, kand’ uwugara ntihagire uwugurura, aravuga ibi,


Kandi wandikire umumarayika w’ishengero ry’i Tuwatira, ut’ Umwana w’Imana, afise inyonga zisa n’imbeya z’umuriro, ibirenge vyiwe bisa n’umuringa w’umwakaka, aravuga ibi,


Kandi wandikire umumarayika w’ishengero ry’i Perugamo, ut’ Ūfise inkota ikarishe aravuga ibi,


Kandi wandikire umumarayika w’ishengero ry’i Simuruna, ut’ Uwa mbere kand’ uw’ iherezo, uwari yarapfuye kand’ akaba muzima, aravuga ibi,


Paulo, nagizwe intumwa ya Kristo Yesu n’ukw Imana yabigomvye, ndabandikiye abera bari muri Efeso, b’abizigirwa bo muri Kristo Yesu.


None rero genda, uvyandike ku gisate imbere yabo, uvyandike no mu gitabo, kugira ngo mu bihe bizoza bibabere igishingantahe c’intahava.


Īvyagira kuri ya ntebe iravuga, iti Rāba vyose ndabihindura bisha. Kand’ it’ Andika, kukw ayo majambo ar’ ayo kwizerwa n’ay’ ukuri.


Umumarayika arambarira, at’ Andika, uti Hahirwa abatorewe gutaha ubukwe bga wa Mwagazi. Kand’ arambarira, at’ Ayo n’amajambo y’ukuri y’Imana.


Numva ijwi rivuye mw ijuru rimbgira, rit’ Andika, ut’ Uhereye none hahirwa abapfa bapfira mu Mwami. Kandi Mpwemu aravuga, at’ Ego me, ngo baruhuke ubutame bgabo, kukw ibikorwa vyabo bijana na bo bibakurikiye.


Kand’ imituragaro ndwi imaze kuvuga nariko ngira nandike. Numva ijwi rivuye mw ijuru rimbarira, riti Matanisha ishashara udomemw’ ikimenyetso ivyo imituragaro ndwi ivuze, ntuvyandike.


Nuko wandike ivy’ ubonye n’ibiriho n’ibizoba hanyuma y’ivyo,


Jewe ndi Alufa na Omega, ni k’Umwami Imana igize, iriho, kandi yamyeho, kand’ igira ize, ni yo ishobora vyose.


Nuko guma muri Efeso, nk’uko nakugīriye inama hamwe naja i Makedoniya, kugira ng’ uteshe ba bandi ntibigishe ibiciye ukundi,


None rero ni mwandike iyi ndirimbo, uyigishe Abisirayeli, uyibatoze, kugira ngw iyi ndirimbo imbēre icabona ku Bisirayeli kizobāgiriza.


Ndamubonye, nikubita imbere y’inyundo ziwe nk’ūpfuye; maz’ anshirak’ ukuboko kw’i buryo, ati Ntutinye; jewe nd’ uwa mbere kandi nd’ uw’ iherezo,


yashingiye intahe ivyo yabonye vyose, ni vyo jambo ry’Imana, no gushinga intahe kwa Yesu Kristo.


Ariko nzotebera muri Efeso gushitsa kuri Pentekote:


Asangwa narwaniye n’ibikōko muri Efeso, ndi mu buryo bg’abantu gusa, bimmarira iki? Namb’ abapfuye batazurwa, ni twīrīre, twinywere, kukw ejo tuzopfa.


Ar’i Mileto atuma muri Efeso, atumakw abakuru b’ishengero.


Maz’ Umuyuda yitwa Apolo, amamo yiwe ni muri Alekisanderiya, yar’ umuntu w’ubgenge, ashika muri Efeso; yar’ umunyabushobozi mu vyanditswe.


Umugore umwe yitwa Ludiya, umudandaza w’impuzu z’inyambarabami, wo mu gisagara citwa Tuwatira, yubaha Imana, aratwumviriza. Umwami Yesu amwugurura umutima, kugira ngw awushire ku vyo Paulo yavuga.


Ndagomba ko mumenya ukuntu mbarwanira intambara, mwe n’ab’i Lawodikiya n’abatarankubita ijisho bose uko bangana,


ibanga ry’inyenyeri ndwi izo umbonanye mu kuboko kwanje kw’i buryo, n’ivy’ ibiterekwakw amatara ndwi vy’izahabu. Inyenyeri ndwi ni zo bamarayika b’ayo mashengero ndwi, ibiterekwakw amatara ndwi na vyo ni vyo mashengero ndwi.


Andikira umumarayika w’ishengero ryo muri Efeso, ut’ Ūfashe inyenyeri indwi mu kuboko kw’i buryo, akagendera hagati y’ibiterekwakw amatara indwi vy’izahabu, aravuga ibi,


Ariko mweho abasigaye mu b’i Tuwatira, abadafise iyo nyigisho mwese, batāmenye ivyo ba bandi bita ivy’i bgina vya Satani, ndababgira, nti Nta wundi mutwaro mbikoreza atar’ uyu,


Arik’ ufise amazina makeya y’ab’ i Sarudi batanduje impuzu zabo; ni bo bazogendana nanje bambaye impuzu zera, kuko bibabereye.


Kand’ arambarira, ati Ntumatanishe ishashara n’ikimenyetso amajambo avugishijwe n’Imana yo mur’ iki gitabo; kukw igihe kiri hafi.


Jewe Yesu ntumye umumarayika wanje gushingira intahe mwebge ivyo, kubg’ amashengero. Ni jewe munago wo ku gishitsi ca Dawidi, nd’ umwuzukuruza wiwe, kandi nd’ ikinyenyeri gica ibibatsi co mu gaturuturu.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite